Perezida Museveni yemereye abagwizatunga b’Abashinwa kubacungerera umutekano

Perezida wa Uganda yategetse igisirikare gucungera amakompanyi y’Abashinwa kubera ubusuma bumaze imisi buyagirwako. Ashikiriza ijambo umugwi w’abagwizatunga 120 b’Abashinwa ku munsi wa gatatu, perezida Museveni yamenyesheje ko hagiye kwongerezwa ugukizura hamwe na kamera zo gucungera umutekano. 

Ubushinwa bufise imitahe myinshi muri Uganda, ariko bumaze gutakaza amahera menshi biciye mu busuma. Leta iriko yihutira kwongereza umutekano mu gihe ubwicanyi bugenda bwiyongera hirya no hino mu gihugu.

Mw’itangazo yashikirije, perezida Museveni yavuze ati: »Kuri jewe iki kibazo kiroroshe gutorera inyishu. » Yongeyeko k’umuntu wese ajejwe umutekano azotakaza inkoho yiwe, ashobora gushikirizwa ubutungane bwa gisirikare.

Publicités