Igipolisi ca Uganda kimenyesha ko abantu 26 bapfiriye mw’isanganya ry’ubwato mu kiyaga Victoria muri

Igipolisi ca Uganda kivuga ko abantu 26 bapfuye bivuye kw’isanganya ry’ubwato ryabereye mu kiyaga Victoria. Ibikorwa vyo gutabara birabandanya ariko icegera c’umukuru w’igipolisi ahagarariye ivyo bikorwa avuga ko ata cizere kihari ko hashobora gutorwa abagihema. Avuga ko ubwo bwato bwari butwaye abantu barenga 90 bagiye mw’izinga rimwe ryo muri ico kiyaga Victoria.

Ubwo bwato bwari butwaye abantu bagiye mu misi mikuru, bwagiriye isanganya mu karere gato ka Mpatta mu ntara ya Mukono.  Umuganwa David Wasajja, mwenewabo n’umwami wa Buganda Kabaka Ronald Mutebi na we yari muri ubwo bwato ariko we yarokotse.

Publicités