Kand’Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, aduzwa mw’ijuru, avyagira i buryo bw’Imana.

MARIKO 16:19 Kand’Umwami Yesu ahejeje kubibabarira,aduzwa mw’ijuru,avyagira i buryo bw’Imana.

Yesu yabanye n’abigishwa biwe igihe kitari gito. Hama ivyo yategerezwa gukorera kw’isi vyose abirangije harimwo nokuducungura,mbere n’ukuzuka hamwe n’ibindi vyinshi,araheza asubira mw’ijuru,iyo yaje ava. Natwe bidusaba kwama dukora ivyiza mu maso y’Imana,kugira ngo Umwami Yesu azodushikane mu bibanza yagiye kudutegurira. Kaze dusenge Imana tuyihimbaze,tunayikengurukire kubw’ubuntu n’imbabazi itugirira.

Dusenge:Tugushimiye ineza yawe,Uhoraho Mana yacu.Tuzigamire mu gakiza kandi uducire inzira muri vyose na hose,ni mw’izina rya Yesu twizeye. Amen.

Publicités