Mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hari imyidogo y’abapfasoni bakubagurwa

Ugukubagurwa ni co kibazo gikomereye abapfasoni bakora mu kanama k’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika (AUC), nk’uko amatohoza yabisanze. Benshi mu bakorewe ayo mabi, n’abafise amasezerano y’umwanya muto, urwaruka rwitanga radasavye impembo hamwe n’abasanzwe bahakora barondera akazi kamaho nk’uko ico cegeranyo kibandanya kibivuga.Congerako ko ababikora « bifata nk’uko ari bo ‘bugurura imiryango’ canke ‘bavuga rikijana ».

Ayo matohoza yatangujwe ku mugaragaro mu kwezi kwa gatanu, kandi abakozi bose bari bafise ico batishimira basabwe gutanga inkuru mw’ibanga. Uwo mugwi udasanzwe washizweho n’umukuru wa AUC Moussa Faki, inyuma yo kwandikirwa ikete ryo mw’ibanga rimubwira ivyerekeye ubwo bugizi bwa nabi.

Publicités