Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Ihanga ry’Abarundi n’igihugu c’Uburundi.

Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Ihanga ry’Abarundi n’igihugu c’Uburundi.

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi Mercredis na Samedis. Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro bitandukanye, ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, whatsapp na Facebook, abari I Bulaya basenga Lundi, Aziya na Ostraliya basenga mardi, Afika ni Jeudi, Canada na Amerika ni Vendredi.

Mu masengesho ya bose dusengera imitwaro y’abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga, tukongera tugasengera Uburundi.

URUFATIRO:

“ Ihanga ryaciwemwo imigwi na satani yishimikije cane cane amoko n’ubutandukane bw’ivyiyumviro vya politike, asuka Abarundi mu vyaha vy’ubwicanyi, urwanko, uburyarya, n’ibindi vyinshi; maze asuka igihugu mu marira n’amaganya, hibonekeza isabagire. Uhoraho Imana niwe wenyene wo kudutabara no kudushikana mw’Isezerano.”

INYIGISHO Z’IYI NDWI:

-Hagarika, Sigaho, Gezaho, Reka, Ntubandanye, Rekeraho, Tura: Imibabaro, ivyaha, ukwiganyira, urwanko, ubwoba, ukwidodomba kuko mw’ijuru hari Imana ishobora vyose kandi igiye kubiroranya. Abikilosayi 3:5

-Amaraso ya Yesu Kristo ari n’ubushobozi tuyahamagaze ku gihugu, ku miryango yacu no kw’ishengero. Abaheburayo 9:14 na Yesaya 1:18.

INYIGISHO:

-Ibisomwa: Gusubira mu vyagezwe 28: 1-13, Abaroma 4:6-8, Ivyahishuriwe Yohana 12:11 na 19:11 na Zaburi 121.

-Indirimbo z’ikirundi 228, 28, 350 na 354.

IVYEREKANYWE:

– Mube maso muri ibi bihe vy’ipera z’umwaka musenge ubudasiba kuko I kuzimu bashaka amaraso ya benshi: 1 Abitesaloniki 5:17 na 19.

– Ntaco bacuriye kutugwanya kizogira ico kitugira kandi n’indimi zose zaduhagurukiye zizozimwa Yesaya 54:17.

– Mwiyubare ntimuzimye Mpwemu Yera mwahawe, furure ingabire mwahawe, vuge mu ndimi, vuge ubutumwa, ririmbe kandi senge.

IMITWARO:

-Musengere abarongozi b’Ihanga ry’Imana kuva hejuru gushika hasi.

-Musengere abarwaye, abashonje, abapfunzwe, abibungenze, abaruhijwe n’ubukene, abafise ubumuga, abageze mu zabukuru, impfuvyi n’abapfakazi.

– Musengere abaganza igihugu kuva hejuru gushika hasi, abasirikare n’abapolisi, abanyepolitike abari mugihugu n’abari hanze kugira ngo bose babone ukuboko kw’Imana.

Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 27/11/18

Abashumba b’Ihanga ry’Imana

abisezerano.com

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s