Ugereranije abagore 137 nibo bicwa ku munsi n’abo bagendana canke n’abo mu muryango, nkuko bivugwa mu vyegeranyo vy’igisata ca ONU kigwanya ibiyovyabwenge n’ubwicanyi, « United Nations Office on Drugs and Crime » (UNODC).
Bivugwa ko bituma « muhira kiba ikibanza umugore akunze kwicirwamwo ». Abarenga igice kuri 87000 bishwe mu 2017, bivugwa ko baguye mu maboko y’abo basanganywe. Kuri ico gitigiri, hafi 30000 bishwe n’abakunzi, 20000 bicwa n’incuti.
Ikiganiro « BBC Abagore 100 » cashatse kumenya vyinshi ku bagore bishwe bavugwa muri ivyo bitigiri.
Twamaze ukwezi kw’icumi dusuzuma ivyegeranyo vy’ubwicanyi bushingiye ku gitsina bwakorewe abagore, ku munsi wa mbere w’ukwo kwezi.
Hano munsi turabasangiza inkuru zijanye n’ubwo bwicanyi.
Benshi mu bagore bapfuye bishwe n’abagabo
Mu vyegeranyo vyakusanijwe na UNODC vyibonekeza ko « abagabo bafise uruhara incuro zine kurusha abagore muri ubwo bwicanyi bukogwa ku gushaka ».
ONU ivuga ko abagabo bavugwa mu bwicanyi umunani kuri 10 kw’isi.
Ivuga kandi ko umunani kw’icumi y’abicwa ari abagore.
« Ubwicanyi buturuka ku bakundanda buguma bugwira bwibasira abagore, » niko icegeranyo kivuga.
Abagore 47 mu bihugu 21 barishwe ku munsi
Twarakurikiranye amakuru yatanzwe n’ibinyamakuru ku bagore bishwe n’uwundi muntu itariki 1 Ukwezi kw’icumi mu 2018 kw’isi.
Abahinga bacu bo mu ntara baharuye abagore 47 bishwe, bishingiye ku gitsina, mu bihugu 21. Bwinshi muri ubwo bwicanyi buri mw’itohoza.