*Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Ihanga ry’Imana ry’Abarundi n’igihugu c’Uburundi.*
Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi Mercredis na Samedis. Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro bitandukanye, ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, whatsapp na Facebook, abari I Bulaya basenga Lundi, Aziya na Ostraliya basenga mardi, Afika ni Jeudi, Canada na Amerika ni Vendredi.
Mu masengesho ya bose dusengera imitwaro y’abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga, tukongera tugasengera Uburundi.
URUFATIRO:
-“ Ihanga ryaciwemwo imigwi na satani yishimikije cane cane amoko n’ubutandukane bw’ivyiyumviro vya politike, asuka Abarundi mu vyaha vy’ubwicanyi, urwanko, uburyarya, n’ibindi vyinshi; maze asuka igihugu mu marira n’amaganya, hibonekeza isabagire. Uhoraho Imana niwe wenyene wo ku dutabara no kudushikana mw’Isezerano.”
-« ABATEGUYE KU GUKANDAGIRA KUGAKANU NIBO BAGIYE GUKANGAGIRWA WE GUSA KORA IVYO IMANA ISHIMA(NESHA ICAHA ) UHEZE WICECEKERE »
IBISOMWA
——————-
ESITERI 9:1
IVYAKOZWE N’INTUMWA12:1-11
28:1-6
IVYAHISHURIWE YOHANA 2:18-26 na 3:11-12
INDIRIMBO
——————-
210; 147; 158; 91; 49
IVYO MWEMU W’IMANA AHISHURA
———————-
Muri iyi misi irangiza umwaka ikongera igatangura umwaka mushasha, abantu benshi bafise ibibakandamije:
Inzara, indwara, amadeni, intambara mumiryango, ubushomeri, abarozi baburi kanya, amadayimoni, ubugumba;…… bakibaza bati turangije umwaka murivyo kumbure tuzotangura twongere turangize umwaka bimeze uko.
Ijambo riravuze ngo mukwezi nkuku abayuda bari bagenewe kwicwa no gutikizwa ariko birahinduka; nawe ivyari ku kwica, ku kubuza amahoro, bigiye guhagarara bicishwe bugufi widegemvye bikurekure ; abakubona batangazwe nivyo Imana igukoreye mw’Izina rya Yesu Kristo (Ivyakozwe n’Intumwa 28: 1- 6 )barindire babure. Rema ntupfa ntaco uba urajabuka iryo bohero urimwe ryaba iryubukene, indwara ibohero nyezina urarisohoka naho umenga ni nkindoto (Ivyakozwe n’intumwa 12:1-11.)
IVYOGUSENGERA
—————————–
1. Uretse imitwaro yaho mu herereye, ni ugusengera no gushika ku abihebuye, abaruhijwe n’ubuzima, abagwayi, abapfunzwe, abashonje, abari mu bitaro, abageze muzabukuru, abamugaye n’ababa mw’ibarabara.
2. Mwibuke gusengera abarongozi b’Ihanga ry’Imana hamwe n’ihanga ryose aho riri mu gihugu no mu mahanga.
3. Mwibuke gusengera abavyeyi bibungenze, abana bato, abimirije kugira imanza z’ubugeni, abari mu ngendo n’impunzi ziri muri RD Congo na Tanzania
4. Musengere igihugu c’Uburundi kigira ngo umugambi w’Imana abe ariwo uranguka ivya satani vyose bisendwe.
Ni dusangwe Imana, Burundi n’Isezerano.
Bigiriwe I bujumbura 04/12/2018.