Umutima wanje urahamye, Ndaririmba mbere ndaririmbisha ishimwe ubwiza bwanje.

ZABURI108:1-4 Mana,umutima wanje urahamye,Ndaririmba mbere ndaririmbisha ishimwe ubwiza bwanje. Kembe n’inanga,ni mwikangure;nanje ubwanje nzokwikangura ntange umutwenzi.Uhoraho nzogushimira mu moko:Nzokuririmbira ishimwe mu mahanga.Kukw’imbabazi zawe ari nyinshi zigera hejuru y’amajuru;Ukuri kwawe gushika no mu bicu.

Tuzamuriye ibiganza vyacu Ku Uhoraho Imana yacu. Niyo twegamiye.Hallelua.

Uhoraho turagushimiye ko turi mukwezi kwanyuma kurangiza uyu mwaka wa 2018.

None niwakire ishimwe n’icubahiro kuvyo udukorera vyose. Niwewe utuzigamye, niwewe uturinze,niwewe utuugaburira.

Akira ishimwe ryacu Mana ko turi amahoro. Kandi tukuragije ubugingo bwacu ngo tudahemuka tukakuvako.

Dusenge: Mwami Imana,Uhoraho tuguhaye icubahiro kuvyo udukorera.Harira ivyaha vyacu vyose,kandi uturinde ukwitwararika ibidakenewe,uturinde amasanganya,kandi turugaje ivyago vyo gupfa no gupfisha,kubw’impanuka za satani n’abadayimoni,n’abarozi,n’imizimu,n’ibitambo,n’abapfumu,n’impwemu mbi. Nsengeye ubugingo bw’uyu mukozi wahagurukirije gushirisha izina ryawe imbere ubuzigame kandi ubutabare,mbere uyu murimo uturwanirire cane.Nkuragije umuntu wese ariko asengana nanje. Turagushimiye ko utwumvise kandi ubikoze. Ni mw’izina rya Yesu twizeye. Amen

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s