Nduwayo Desire wo muri zone Matyazo, komine Mubimbi yaraye apfuye azize kumira akabamo kanini yateze na mwenewabo n’uwundi mugabo umwe ataramenyekana ko yokarya agaciyemwo kubiri gusa. Ivyo vyabereye mu gacimbiri Kinyinya 2, umutumba Kigunga, zone Matyazo muri komine Mubimbi mu ntara ya Bujumbura rural. Nduwayo asize umukenyezi umwe n’abana babiri, akaba yari afise imyaka 22.
Ndakoraniwe Vianney bava mu nda imwe na Nduwayo Desire ari kumwe n’uwundi mugabo ataramenyekana izina, bateze ko ashobora kurya akabamo kose agaciyemwo ibice bibiri gusa. Nyumbakumi w’agacimbiri ka Kinyinya 2 aho abo bagabo bose baba, Nivyabandi Aloys avuga ko yamize igice ca mbere, aza kwicwa n’ica kabiri.
« Nduwayo Desire yapinze na mwenewabo hamwe n’uwundi mugabo ko aramutse amaze akabamo kamwe amize kabiri gusa amuha amahera ibihumbi cumi vy’amarundi. Yaramize igice ca mbere, ndahashika ikigira kabiri kiriko kiramuniga.
« Twaragerageje kumutabara biranka. Duteruye ngo tujane kwa muganga, twasanze yamaze gucikana. »
Nduwayo Desire na Ndakoraniwe Vianney bose bavyarwa na Vital Ninteretse.
Nivyabandi Aloys arongoye agacimbiri ka Kinyinya avuga ko vyose biterwa no kwirirwa bicaye ata co bakora.
« Ibi biva ku kutitaho ibikorwa, urwaruka ugasanga rwirirwa ruyerera rwicaye kw’irigara gusa.
« Ubu tugiye gusubira gusemerera turabe ko ivyo kwirirwa ku marigara bigabanuka. »
Akabamo kamwe kaba gapima nk’inusu y’ikilo, ababukunda bakaba babukoza inyama canke izindi mboga.