Igisirikare ca Kongo kimaze iminsi ine gitana mu mitwe n’umugwi w’abarwanyi mu buseruko bw’igihugu

Igisirikare ca Republika ya Demokrasi ya Kongo kivuga ko kimaze iminsi ine gitana mu mitwe n’umugwi w’abarwanyi mu karere k’ubuseruko bw’ico gihugu. Umuvugizi w’ico gisirikare, Capitaine Dieudonne Kasereka, avuga ko abarwanyi cumi na babiri hamwe n’abasirikare bane bahasize ubuzima.

Iyo mirwano mu karere ka Fizi mu ntara ya Kivu y’ubumanuko irimwo abarwanyi b’umugwi wa William Yakutumba, yahoze ari umu generale mu gisirikare ca Kongo. Mu mwaka uheze yagerageje guhuza imigwi itandukanye yitwaje ibirwanisho itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Prezida Joseph Kabila, batera umuji wa Uvira uri hafi y’urubibe rw’u Burundi.

Mu kwezi kwa kabiri, igisirikare ca Kongo cavuze ko uwo mugwi waneshejwe.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s