Umutahe wo gufata abagirizwa urupfu rwa President Ndadaye Melchior watumye havugwa vyinshi.

« ico aguhaye nico azokuziza » Uretse yuko hari abasirikare babakukuruke mu ntwazangabo bafashwe bagapfungwa kubwo amatohoza, gusohora imitahe yo gufata abari mubindi bihugu harimwo uwahoze ari Umukuru w’Igihugu Petero Buyoya vyateye abantu kwibaza ibintu vyinshi.

Hamwe abo baronderwa bofatwa urubanza rwofata intumbero. None nibatafatwa bizogenda gute? Naho nyene bazociribwa imanza nkabadahari . Ivyarivyo vyose kuva umunsi imitahe isohokeyecbabayeho bibanga cane batidegemvya. Hari ibibazo vyinshi bibazwa ntibironkegwe inyishu ubu, ariko turindire tubirabe.

Publicités