Igitabo Umurundi wese akwiriye gusoma: ABARUNDI, IHANGA RYATORANIJWE N’IMANA: Ibanga rinyegejwe mw’Isezerano ku Burundi.

ABARUNDI, IHANGA RYATORANIJWE N’IMANA: Ibanga rinyegejwe mw’Isezerano ku Burundi.

Urugendo rw’ihanga ryatoranijwe n’inkuru zabo zose kuva muri Egiputa no kuba mu gihugu c’i Kanani ni inkuru z’imyaka 220 kuva 1250 gushika 1030 imbere yuko Umwami Yesu avuka.

Muri izo nkuru niho abantu babona yuko Imana yumva, Imana ikorara, kandi yuko Imana itabara.

Muri Bibiliya, urwo rugendo rwo kuva muri Egiputa ruja mu gihugu c’isezerano turusanga mu gitabo co Kuvayo, muri Yosuwa, mu Bacamanza no muri 1Samweli. Inkuru zamamaye cane ni ivuka rya Mose, ivyago 10 vya Egiputa, ikiyaga c’imbingobingo (gitukura) urugendo rurangiranwa rw’imyaka 40, itangazwa ry’ivyagezwe 10, Yosuwa ahagarika izuba n’ifatwa rya Yeriko.

Ubugaragwa cari igihe co guca mu mageragezwa. Aho mu bugaragwa niho abisirayeli bamenyeye yuko ari nk’amagi canke inzavya z’ibumba.

Ivyo vyose vyarabandanije gushika batsimbatare mu gihugu c’isezerano mu gihugu cabo ciswe Isirayeli kuwa 14 Rusama 1948.

Ubuvugishwa canke ubuhanuzi bwa mbere ku gihugu c’Uburundi bwa vuzwe mu mwaka wa 1935, umwaka amashengero ya pentekote yatanguzwa mu Burundi n’abakozi b’Imana bari baje bava mu gihugu ca Suwedi, bavugishwa yuko Abarindi ari ihanga ryatoranijwe n’Imana. Ubundi buvugishwa bwasaba abarundikwiyeza , kwishonzesha no gusenga cane kuko Abarundi ari Ihanga ryatoranijwe, bwavuzwe muri Myandagaro 1968 mu gikorane c’Amashengero ya Pentekoti cari cabereye I Mugara. Kuva mu myaka ya 1972 gushika uyu munshi hose mu gihugu no mu mahanga havugwa Isezerano ku Burundi. None ko havugwa yuko Aburundi ari ihanga rya toranijwe mbere bagashirako yuko ari Isirayeli ya kabiri, haraho Abarundi bahuriye n’abahebulayo? Isezerano ku Burundi rigizwe n’ibiki? Ko turi mu rugendo tugana mu gihugu c’Isezerano tugeze hehe? Menya umugambi w’Imana ku Burundi, utahure n’ibimenyetso vy’ibihe ku gihugu carazwe abubaha Imana mu gusoma iki gitabu c’impapuro 200.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s