Umwe mu bakandida bakomeye batavuga rumwe na reta muri RD Congo avuga ko umugambi wo gukoresha imashini mu matora ya prezida bidakurikije amategeko.
Martin Fayulu avuga ko akanama kajejwe gutegura amatora kazokoresha imashini zishasha kugira gahe amahirwe umukandida w’urunani rw’imigambwe ruri ku butegetsi, Emmanuel Shadary, kugira atahukane intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu.
Fayulu yipfuza ko hakorshwa impapuro z’amatora mu kibanza c’imashini mu matora ategekanijwe itariki 23 z’uku kwezi.