Ibitero vyagabwe na Amerika « vyishe abagwanyi 62 » ba al-Shabab muri Somalia

Igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika cavuze ko cishe abagwanyi 62 b’umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu al-Shabab, mu bitero vy’indege cagavye mu mpera z’indwi iheze. Inteko za Amerika zagomowe muri Afrika (Africom) zavuze ko ibitero bitandatu zakoze vyibasiye ibirindiriro bizwi vya al-Shabab, biri hafi y’igisagara ca Gandrashe kiri mu bumanuko bw’igihugu. 

Inteko za Africom zivuga ko ata musivile yapfuye canke yakomeretse – ariko hakaba hari amakuru y’ibigo vyigenga avyemeza. Ivyo bitero vy’indege za Amerika vyari bifise intego yo kubuza ko uwo mugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, wumva ko usa n’uwuri mw’ijuru mu bumanuko na hagati mu gihugu ca Somalia.

Publicités