Bamubarira Ijambo ry’umwami Yesu,n’abo mu nzu yiwe bose…aca arabatizwa,no n’abiwe bose.

IVYAKOZWE N’INTUMWA 16:32-33 Bamubarira Ijambo ry’umwami Yesu,n’abo mu nzu yiwe bose. Mur’ico gihe nyene c’ijoro arabajana,abuhagira inguma z’inkoni,aca arabatizwa,no n’abiwe bose.

Uyu murinzi w’ibohero yaharonkeye agakiza,aca yizera Yesu Kristo.Mbere aronka amahoro n’umunezero.

Muri iryo joro nyene hakoretse ibintu vyinshi. Uwu murinzi w’ibohero abonye uko vyose bigenze yaciye ahitamwo kwihana. Bamubwiye ubutumwa bwiza bw’ubwami n’abo mu rugo rwiwe. Mbere baca baranabatizwa bose (muri iryo joro nyene).

Mu mibabaro Paulo na Sila bagize twarabonyeko bakomeje ukwizera umwami Yesu no kwihangana, tubona havuyemwo AGAKIZA kur’uyu mu rinzi w’ibohero hamwe n’abiwe Bose. Jewe nawewe turiko dukorera Imana gute?

Aha tubona ko ivyo vyose Paulo na Sila babishitseko kuko bari bafise UBUSHOBOZI n’INKOMEZI mu gikorwa c’ivugabutumwa. Hama bagwiza ukwihangana.

Dusenge: Uhoraho Mwami Mana yacu,turaguhaye icubahiro n’amahimwe.utwoze ivyaha vyacu n’amaraso ya Yesu Kristo. Ngwino uduhe ubushobozi n’inkomezi tugukorere tudatsinzwe n’uburiganya bwa satani, uduhe agakiza gashitse n’urukundo rw’ukuri.Urwanye ibitunya,kandi utsinde intambara zacu zose. Ivyo dukenye n’ibitubereye ubiduhere ubuntu n’imbabazi zawe. Ni mw’izina rya Yesu twizeye. Amen

Publicités