Igisirikare cy’u Rwanda kiratangaza ko cyishe batatu mu bagabye igitero i Kitabi kuwa gatandatu

Leta y’u Rwanda iravuga ko ingabo z’igihugu zishe abantu batatu mu bari bateye mu karere ka Kitabi mu majepfo y’ico gihugu ku wa gatandatu ushize. Itangazo rya minisitere y’ingabo riravuga ko abo bantu bishwe igihe igisirikare cari mu gikorwa co gukurikirana abagavye ico igitero. Igitero cabaye kuwa gatandatu cahitanye abantu babiri, abandi umunani barakomereka, naho imodoka z’abagenzi umunani ziraturirwa.

Iryo tangazo rikomeza rivuga ko abari bagabye ico gitero bahungiye mu Burundi. Si ubwa mbere muri ico gice c’u Rwanda hari abantu bitwaje ibigwanisho bahatera, buri gihe ubutegetsi bukavuga ko baza bava kandi bagahungira mw’ishamba rya Nyungwe riri ku mupaka w’u Burundi n’u Rwanda.  Bikavugwa yuko ari abo muri wa mutwe w’inyeshamba za FLN, zisanzwe zigwanya leta y’urwanda hakaba haranafashwe amasafuriya n’ibifungurwa bakoresha muri iryo shamba rya nyungwe.

Publicités