*Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Ihanga ry’Imana ry’Abarundi n’igihugu c’Uburundi.*

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi Mercredis na Samedis. Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro bitandukanye, ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, whatsapp na Facebook, abari I Bulaya basenga Lundi, Aziya na Ostraliya basenga mardi, Afika ni Jeudi, Canada na Amerika ni Vendredi.

Mu masengesho ya bose dusengera imitwaro y’abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga, tukongera tugasengera Uburundi n’ihanga ry’Imana.

URUFATIRO:

-Abantu benshi bashize ivyizigiro vyabo ahatariho. Bata umwanya mu bihuha, mu bitagira akamaro, mu kwiyubakira no gukurikira ibinyoma biri mu migambwe n’imihari n’ivyigira ibiva ku Mana atarivyo. Abantu ni bamenye yuko atanumwe azi umugambi n’iseha Imana ikorerako ntibabateshe umwanya ahubwo murusheko kugwiza ubwenge muvyo Imana.

-“ Ihanga ryaciwemwo imigwi na satani yishimikije cane cane amoko n’ubutandukane bw’ivyiyumviro vya politike, asuka Abarundi mu vyaha vy’ubwicanyi, urwanko, uburyarya, n’ibindi vyinshi; maze asuka igihugu mu marira n’amaganya, hibonekeza isabagire. Uhoraho Imana niwe wenyene wo ku dutabara no kudushikana mw’Isezerano.”

IBISOMWA

——————-

-Zaburi 138:8

-Yobu 42:10-17

-IVYAHISHURIWE YOHANA 2:18-26 na 3:11-12

INDIRIMBO

——————-

126, 295, 350, 97, 210.

IVYO MWEMU W’IMANA AHISHURA

———————-

-Abantu beshi cane bategereje isezerano ariko icananiye Abakristo bikigihe uno musi barizera ejo bakabivamwo kandi isezerano rekenera abariteramira bashikamye.

– Abandi benshi ukwizera Isezerano kwabo gushingiye ku bihuha vyiki gihe aho guhagarara kuco Imana yavuze.

-Muri iyi misi irangiza umwaka ikongera igatangura umwaka mushasha, abantu benshi bafise ibibakandamije. Ni babibwire Yesu (Ivyakozwe n’Intumwa 28: 1- 6 )barindire babure. Rema ntupfa ntaco uba urajabuka iryo bohero urimwe ryaba iryubukene, indwara ibohero nyezina urarisohoka naho umenga ni nkindoto (Ivyakozwe n’intumwa 12:1-11.)

IVYOGUSENGERA

—————————–

1. Uretse imitwaro yaho mu herereye, ni ugusengera no gushika ku abihebuye, abaruhijwe n’ubuzima, abagwayi, abapfunzwe, abashonje, abari mu bitaro, abageze muzabukuru, abamugaye n’ababa mw’ibarabara.

2. Mwibuke gusengera abarongozi b’Ihanga ry’Imana hamwe n’ihanga ryose aho riri mu gihugu no mu mahanga.

3. Mwibuke gusengera abavyeyi bibungenze, abana bato, abimirije kugira imanza z’ubugeni, abari mu ngendo n’impunzi.

4. Musengere igihugu c’Uburundi kugira ngo umugambi w’Imana abe ariwo uranguka ivya satani vyose bisendwe.

Ni dusangwe Imana, Burundi n’Isezerano.

Bigiriwe I bujumbura 18/12/2018.

http://www.abisezerano. com

Publicités