Amatora yari yitezwe muri Kongo yigijwe inyuma indwi imwe

Amatora y’umukuru w’igihugu yari yitezwe muri Republika ya Demokrasi ya Kongo yagomba kuba kuwa Mungu, yigijwe inyuma indwi imwe nk’uko bitangazwa n’abayajejwe Bivugwa yuko ukwo kuyigiza inyuma vyatewe n’ikibazo co gushikana ibikoresho vy’amatora mu bibanza vyo gutoreramwo, bitewe n’uko Kongo ari igihugu kinini cane.

Kwitegurira amatora kwabayemwo itana mu mitwe hagati y’abatavuga rumwe na leta hamwe n’abajejwe umutekano, hamwe n’umuriro wadutse kuri bumwe mu bubiko bw’ibiro vy’amatora, hasambuka ibihumbi vy’amamashini yo gutora.

Aya matora yo muri Kongo yari amaze kwigizwa inyuma ikiringo c’imyaka ibiri. Ni amatora yo gusubiriza ku butegetsi umukuru w’igihugu Joseph Kabila, yagomba kuba yaragiye mu 2016 nyuma y’imyaka 18 ku butegetsi.

Publicités