Uhoraho aramwitegereza , aramubarira, ati Genda ukw’izo nkomezi zawe zingana, ukize Abisilayeli ubakure mu maboko y’abamidiyani:ni jewe ubwanje ngutumye.

ABACAMANZA 6:14 Uhoraho aramwitegereza , aramubarira, ati Genda ukw’izo nkomezi zawe zingana, ukize Abisilayeli ubakure mu maboko y’abamidiyani:ni jewe ubwanje ngutumye.

Uwo ni gidiyoni yariko abwirwa n’Uhoraho ati genda ukw’izo NKOMEZI zawe zingana. Kandi yararwanye aranesha kuko inkomezi yakoresha yazihawe n’Uhoraho kuva imbere.

MATAYO 10:1 Ahamagara abigishwa biwe cumi na babiri,abaha ububasha Ku Mpwemu zihumanye n’ubwo kuzisenda,no gukiza indwara zose n’ubumuga bwose.

Yesu niwe yabanje guha abigishwa biwe UBUBASHA(UBUSHOBOZI) imbere y’uko abatuma.

Mu gikorwa c’Imana dukeneye vyose,UBUBASHA (UBUSHOBOZI) n’INKOMEZI (IMBARAGA).

Iyo dukorana UBUSHOBOZI, UBUBASHA satani n’abadayimoni baraduhunga. Hama tugakora neza umurimo w’Imana.

Iyo dukorana INKOMEZI, IMBARAGA tuba turi abasoda badatinya kandi batadendebukirwa mu rugamba. Usabwa kurwana urugamba n’INKOMEZI gushika ururangije. Aho rero hasabwa ugusenga, ukwizera, ukwihangana,…

Publicités