Igitero ku nyubakwa ya leta carahitanye 43 gikomeretsa benshi muri Afuganistani

Ubutegetsi bwa Afuganistani bwavuze ko abantu 43 bapfiriye mu gitero c’umwiyahuzi n’amasasu y’inkoho ku nyubakwa ya leta i Kabul muri Afuganistani.

Buvuga ko abandi bantu 25 bakomeretse muri ico gitero cagabwe ku bushikiranganji bw’ibikorwa vya leta ku mugwa mukuru.

Abakozi amajana bakwamiye mu biro ico gihe – biba ngombwa ko bamwe basimba baca mu madirisha bahunga.

Ntiharamenyekana uwagavye ico gitero ariko muri kahise imigwi ya leta y’iki Islamu – Islamic State – n’aba Talibani niyo yagiye irakora ibitero nka mwenivyo.

Ubwo bugizi bwa nabi bwatanguye imodoka irimwo ikibombe gituritse mu bwinjiriro, imbere yuko abafise inkoho binjira bagatangura kurasa.

Abantu bari hafi yaho baciye biyugaranira mu biro, nkuko umwe mu babibonye yavyiganiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters. 

Umuvugizi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati, Najib Danish yavuze ko abantu barenga 350 batabawe bakugwa mu bushikiranganji bw’ibikorwa vya leta. 

Yagabishije avuga ko igitigiri c’abapfuye n’abakomeretse gishobora guhinduka, avuga ko mu bapfuye harimwo n’umupolisi w’igihugu, mu gihe batatu mu bagavye igitero nabo nyene bapfuye. 

Mu ndwi iheze hari amakuru yavuga ko Amerika itegekanya kugabanya abasirikare bayo bari mu gihugu, haheze umwanya Bwana Trump avuze ko akuye abasirikare bose muri Siriya. 

Ku munsi wa Mungu, umukuru w’igihugu Ashraf Ghani yarahinduye umushikiranganji wo kwivuna abansi hamwe n’uw’intwaro yo hagati, abasubiriza abahora bakora mu gisata c’iperereza, baterekwa abatalibani.

Publicités