Amerika yiteguye kurungika abasirikare muri RD Congo igihe umutekano wohungabana

Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze kw’ico gihugu carungitse abasirikare mu gihugu ca Gabon, bokwinjira gutabara muri Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) igihe ibintu vyoba biyangaye muri aya matora y’umukuru w’igihugu. 

Mw’ikete ryarungikiwe abakuru b’inama nshingamateka na nkenguzamateka, Perezida wa Amerika yavuze ko umugwi wa mbere w’abasirikare 80 washitse muri Gabon ku munsi wa Gatatu. 

Ku bwa Donald Trump, izo nteko zijanywe muri ico gihugu kugira ngo zikingire abanyamerika hamwe n’abaserukira Amerika i Kinshasa, umugwa mukuru wa RD Congo.

Yagize ati: « Abo basirikare bazoguma muri ako karere gushika igihe umutekano wo muri RD Congo uzoba umeze neza bitagikenewe ko bagumayo. »

Ku bwa Bwana Trump, hashobora kurungikwa n’inteko ziyongera ku zimaze gushikayo, igihe vyoba bikenewe. 

Akanama kajejwe amatora muri RD Congo kategerezwa gutanga ibitigiri vy’ibanze vy’amatora ku munsi wa Mungu.

Munyuma kahavuye kavuga ko gusohora ivyo bitigiri bizocerezwa biturutse ku murindi muto wibonekeza mu guharura amajwi.

Publicités