Mu Burundi amashirahamwe yigenga yagiriza prezida Museveni guhengama ku kibazo c’Uburundi

Amakete umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkurunziza, n’uwa Uganda, Yoweri Museveni, baherutse kwandikiranira aracaraje ishinga imigwi imwe imwe mu Burundi.

Amashirahamwe 13 yigenga, bamwe bakunze kwita ko yegereye ubutegetsi bw’i Bujumbura, yandikiye ikete umuhuza mu matati y’abarundi Yoweri Museveni.

Muri iryo keye amumenyesha ko ibiri mw’ikete yandikiye mugenzi we w’Uburundi vyerekana ko ‘ahengamiye ku batavuga rumwe na reta y’uburundi’.

Mu kiganiro n’abamyenyeshamakuru kuri uno wa gatanu, Hamza Burikukiye, arongoye ishirahamwe ry’abagendana umugera wa Sida (CAPES+), rimwe mu mashirahamwe yandikiye Museveni, yasiguye ko bigoye gutorera inyishu ingorane ziri mu Burundi mu gihe umuhuza ahengamiye ku ruhande rumwe.

Yagize ati: « Mu vyo umuhuza yanditse harimwo bimwe vyiza. Nofatira nk’aho avuga ko mu Burundi ituze rikenewe. Ariko hari vyinshi yanditse vyerekana ko ahengamiye ku Rwanda no ku batavuga rumwe na reta y’Uburundi. Ivyo si vyiza.

« Wihweje neza, hari na bimwe yanditse ku kahise k’Uburundi ubona yavyanditse abicuritse. Tumusaba kwifata nk’umuhuza akaja hagati na hagati kugira inyishu y’ingorane ziri mu Burundi itorerwe inyishu ata guhengama ».

Iyo kwandikiranira amakete vyazananye

Mu ntango z’ukwezi kwa 11 umwaka wa 2018, leta y’Uburundi yasivye mu gice ca nyuma c’ibiganiro biyihuza n’abatavuga rumwe na yo. 

Mu mpera z’ukwo kwezi nyene, reta yasivye mu nama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC aho bari kwiga ikibazo c’Uburundi, bikaba vyatumye inama ica isiba maze yimurirwa ku rindi sango.

Mu nyuma prezida Petero Nkurunziza yaciye yandikira umuhuza Yoweri Museveni amusaba ko nyabuna icihutirwa ari uko hotunganywa inama rukokoma yo kwiga ikibazo c’ukutumvikana kiri hagati y’Uburunidi n’Urwanda.

Muri iryo kete Nkurunziza avuga ko urwanda ari rwo rutera umudugararo mu Burundi ngo rwirengagije ingingo ya 6 y’amasezerano ya EAC.

Umuhuza Museveni yishuye iryo kete avuga ko atumva igituma ubutegetsi bw’i Bujumbura bwanka kwicarana n’abo batavuga rumwe.

Publicités