Martin Fayulu yahakanye intsinzi ya Tshisekedi

Martin Fayulu yahakanye ivyavuye mu matora muri Congo vyashikirijwe n’akanama kajejwe amatora (CENI), biha intsinzi uwundi atavuga rumwe na leta, Félix Tshisekedi.

Yabwiye BBC ko ibitigiri vyashikirijwe ari « ubunyonyezi buteye isoni » n' »ubusuma bw’amatora ».

Umukuru wa CENI Corneille Nangaa, mu gitondo ca kare co ku wa kane yavuze ko Tshisekedi yaronse ibice 38.57% vy’amajwi, aca atangazwa ko ari we yatsinze amatora.

Bwana Fayulu arahakana ivyo bitigiri ndetse agasaba abakurikiranye amatora barimwo urwego rwa Ekleziya Katolika gushikiriza ibitigiri vy’ukuri.

Ku bw’akanama kajejwe amatora, Félix Tshisekedi yaronse amajwi arenga imiliyoni 7, arusha Martin Fayulu yaronse amajwi imiliyoni 6.3.

Publicités