Ingwano hagati y’inyeshamba yahitanye abarenga 60 muri Tchad

Nimiburiburi abantu 60 bapfuye mu ngwano yabereye mu buraruko bw’igihugu ca Tchad.

Ayo makimbirane hagati y’inyeshamba zo mu gihugu ca Tchad n’izo muri Sudani yabereye mu karere kagwiriyemwo inzahabu ka Kouri Bougoudi, mu buraruko bwa Tchad, nkuko vyashikirijwe n’abajejwe umutekano. 

Iyo migwi ibiri igwanisha inkoho ni uwitwa « Conseil de commandement militaire pour le salut de la République » (CCMSR), umugwi w’inyeshamba zo mu gihugu ca Tchad hamwe n’uwitwa « Mouvement pour la Justice et l’Egalité » (MJE), umugwi w’inyeshamba zituruka muri Sudani zishigikiwe n’ubutegetsi bwa Tchad.

Mu makuru afise amamuko atandukanye, bivugwa ko umurongo w’imodoka mirongo za MJE zaje ku munsi wa Gatandatu zizananye mu bumanuko bw’igihugu ca Libiya, zihurira mu nzira n’iz’umugwi wa CCMSR.

Umuyobozi mwishikira wa CCMSR, Cheikh Tahir yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ati: « Abagwanyi ba MJE nibo bateye ibirindiro vyacu i Kouri Bougoudi natwe turabasubiza. »

Publicités