Mu rugendo arimwo muri UAE, Papa asaba amadini atandukanye gufatana mu nda

Mu rugendo rwa mbere rw’umwungere wa Ekleziya Gatolika mu gihugu ca Emirats Arabes Unis (UAE), Papa Francis yasavye amadini atandukanye gufata mu nda. 

Agishika I Abu Dhabi yakiriwe n’igikomangoma Sheikh Mohammed bin Zayed al-Nahyan.

Papa yaje mu nama ihuza amadini atandukanye itegekanijwe ku munsi wa mbere, ku wa kabiri naho agategekanya gusoma imisa yitezwemwo abakirisu 120000.

Imbere yo gufata urugendo yaramenyesheje ko afise umwitwarariko kubera ingwano iri mu gihugu ca Yemeni, UAE ifisemwo uruhara. 

Papa yagize ati: « Abanyagihugu [muri Yemeni] bararushe n’igihe indyane zimaze n’ingene abana bicwa n’inzara, mu kuba badashobora gushikira ibigega vy’indya. » 

« Imiborogo y’aba bana n’iy’abavyeyi babo iraduga igashikira Imana. »

Ntibiramenyekana ko Papa yipfuza gushikiriza ico kibazo ku sinzi ry’abantu canke ko yipfuza kugishikiririza mu mwiherero muri urwo rugendo arimwo mu ri UAE.

Igihugu UAE kiri mu ngwano yo muri Yemeni mu runani rwa gisirikare rurongowe n’igihugu ca Arabie Saoudite.