Umutumiro wo gusengera Uburundi n’Abarundi

*Umutumiro w’amasengesho yo gusengera imitwaro y’Ihanga ry’Imana n’Uburundi*

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi Mercredis na Samedis. Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro canke ivyumba vy’amasengesho dusanganywe bitandukanye, ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, whatsapp na Facebook, abari I Bulaya basanzwe basenga Lundi, Aziya na Ostraliya basenga mardi, Afika ni Jeudi, Canada na Amerika ni Vendredi.

Mu masengesho ya bose dusengera imitwaro y’abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga, tukongera tugasengera Uburundi n’ihanga ry’Imana ryose, mwese murimwo kandi muratumiwe.

URUFATIRO RW’IYI NDWI:

–  » Kubwo amasengesho y’ihanga ryose azotangura kuwa 16 arangire kuwa 22/02 uyu mwaka, uyitegurire kandi ugire ukwizera uzotabagwa ( Mariko 2:1-12)- “ Imana ibwira Mose iti: “ Babwire uyu munsi n’ejo biyeze bamesure impuzu zabo…” Kuvayo 19:10

-« Bagiye Guhindura invugo, unakurwe murwobo abansi bagutayemwo »

IBISOMWA DUHAWE

——————-

– Ivyakozwe n’Intumwa 4:24-31;

– Mugire ukwizera gushitse: Mariko 2:1-12

– Kwitegurira kubonana n’Imana: Amos 4:12; Itanguriro 25:22; 32:1; Zaburi 59:10; Matayo 28: 9

INDIRIMBO

——————-

– Uko babanyabwenge bakurikiye inyenyeri (239)

– Mwami Yesu tuzanywe (308)

– Amahoro Yesu ampa ( 121)

IVYO MWEMU W’IMANA AHISHURA

———————-

– Abantu benshi barizangazangira ntibazi yuko igihe co kwambarainkomezi bagaterama ari iki, babwire basenge, bisonzeshe kandi bavuge ubutumwa bw’umwuzuzo.

-Abazokwitabira aya masengesho y’Ihanga ry’Imana bazobona ugukira, ukubohoka no gushitswa kw’isezerano ryabo.

-Abantu benshi bahenzwe n’abigira abamarayika b’umuco kandi ari ibikoresho vy’umwijima bagiye kuzimuruka bifatanye n’ihanga ry’Imana.

IVYOGUSENGERA

—————————–

1. Musengere abo Imana yasize amavuta ngo babaje imbere muri uru rugendo.

2. Uretse imitwaro yaho mu herereye, ni ugusengera no gushika ku abihebuye, abaruhijwe n’ubuzima, abagwayi, abapfunzwe, abashonje, abari mu bitaro, abageze muzabukuru, abamugaye n’ababa mw’ibarabara.

3. Mwibuke gusengera abavyeyi bibungenze, abana bato, abimirije kugira imanza z’ubugeni, abari mu ngendo, abapfunzwe, abageze muza bukuru , abafise ubumuga n’impunzi.

4. Musengere igihugu c’Uburundi kugira ngo umugambi w’Imana abe ariwo uranguka ivya satani vyose bisendwe mw’izina rya Yesu.

Ni dusangwe Imana, uBurundi n’Isezerano

Bigiriwe I Gitega kuwa 05/Ruhuhuma/2019

Publicités