Tobiya na Senibarate ni ibikoresho vy’umwijima satani yahagurukije ngo bizimize abantu

Lamba

Abiyitirira Umugambi w’Imana canke abacokoranyi ntibakurohe mukwigana umugambi w’Imana. Ifatanye n’Ihanga Ryera ry’Imana gusa ntuze wicuze. Kurikira ibiganiro vya radio Isezerano ubisaba kuri +257 61038453 canke kuri +254770599738 canke +966556674316

Tobiya na Senibarate ni ibikoresho vy’umwijima satani yahagurukije ngo bizimize abantu.
Igihe cose Imana ihagurukije abakozi ngo bahagararire umugambi w’Imana Yehova, satani nawe kubera ububisha bwiwe nawe aca ahagurutsa intumwa ziwe zikigana uwo mugambi w’Imana. Ivyo vyishushanya satani yarabihagurukije ngo bigwaye Ihanga ry’Imana mukwiyita amazina yihadikiriza kwihanga ry’Imana no mukuvuga nabi abakozi b’Imana. Impera yabo kuzoba kumaramara.
Ihanga Ryera ry’Imana rshizeho Radio Isezerano isamiriza ubutumwa bwiza, iyo mburabugirire nayo yaciye iza irifata amajwi yo gucokora aba na bariya ikavyita ibiganiro ngo ikunde izimiza abadafise ubushobozi bwo gusuzuma no gutandukanya ikinyoma n’ukuri.
Ihanga ry’Imana rishizeho iminsi y’amasengeshi, iyo njavyi yabigenje uko nyene kugira ngo iburabuze abaizera. Yiganye na site, ibiranga ihanga, imbuga za facebook n’ibindi mugutangaza inyigisho z’urwanko, gucokora Abarundi abakuru n’abato, abarongozi b’amashengero n’abihanga ry’Imana.
Mwitegurire amasengesho yategetswe n’Imana ntimute umwanya muvyo umuntu yigeneye kugira ngo akunde asamaze abarundi bugarijwe n’imibabaro n’amaganya. Mbwira gito cane gito c’uwundi cumvireho. Hanga ry’abarundi aho muri kw’isi yose, iyo hageze igikogwa c’Imana satani aca avyura ingunza akazana ibikogwa vyo kuyovya, insaku ibihuha no gucokorana, ntutinye.
Yesu ari kunganji ni wifatanye n’Ihanga ry’Imana mugusenga duhuje umutima n’inama.

Publicités