Agatabo gashasha “Ivyagezwe canke ubuntu ni iyihe nzira wafashe?” Gasabe kuri +257 61 40 41 81 canke +966 55 667 4316 canke +254 770 599738 canke +260 97 8685755.

Uravye intambara, ubwicanyi, ubusuma, ubusambanyi mbere n’amaremetanya akogwa n’ibihugu vya rutura, amashirahamwe mpuzamakugu, n’imigwi y’abantu ku giti cabo, uca ubona yuko iy’isi iriko iraca mu bihe bitoroshe.

Urazi yuko muri iy’isi ata mategeko canke cagezwe kihabaye, atacaha cobaho. Kandi atacaha kihari ikibi nico co kwiganzira imiryango, ibisagara, ibihugu n’isi yose. Erega atamategeko ahari n’Umwami wacu twoba tumwatse kuganza. Ivyagezwe biriho kandi bizokwamaho kugira ngo ubutware n’urutonde bibeho.

Ingorane nti ziri ku vyagezwe mu bana b’Imana, ingorane ziri mwishigwa mu ngiro zavyo vyose. Ikibazo ni: “Vyogenda gute kugira ngo ivyagezwe vyose, amategeko yose, imiziro n’imigezo vyose nkuko vyavuye ku Mana, ngo umuntu avyitondera vyose. Kuko wishe kimwe ungana n’uwacumuye kuri vyose?”. Reka ndakubarire utubazo nyamukuru abantu bibaza kandi turi buze kuronkera inyishu mu kanya.

Abantu baribaza bati none:

– Abantu bitondera ivyagezwe 10 nibo bazoja mw’Ijururu bonyene?

– Abantu bose badasenga ku munsi w’isabato mugabo bakagororoka mu bindi vyose ntibazoja mw’ijuru?

– Umuntu wese adatanga ikigira cumi naho yoba yubahiriza ibindi vyose ntazoja mw’ijuru?

– Abantu basenga mu madini canke mu mashengero yigisha kwubaha ivyagezwe nibo bonyene bazoja mw’ijuru?

– Umuntu wese arya ingurube n’ibindi bikoko bituza, imbata n’ibindi bikoko vyo mwishamba, ntazoja mw’ijuru naho yoba yitondera ibindi vyagezwe?

– Abantu banywa umuvinyu, ibiyeri, urwarwa, igisamama, impeke n’ibindi binyobwa vyambiye ntibazoja mw’ijuru naho boba bitondera ibindi vyagezwe vyose?

– Abantu bati umukenyezi yambara ipantalo naho yoba iyabanarugo, atoboza amatwi, yisiga akikora ntazoja mw’ijuru naho yoba yitondera ibindi vyagezwe vyose?

– Umugabo yitukuza urukoba canke uwiyirabuza akiyandikako, ntazoja mw’ijuru naho yoshitsa ibindi vyagezwe vyose?

– Abantu barya amafi atagira amagaragaba nk’isomvyi n’ibindi binyabuzima biba mu mazi naho boba bitondera ibindi vyagezwe vyose ntibazoja mw’ijuru?

– Abantu batabatijwe mu mazi menshi nka yorodani ngo bibizwe ntibazoja mw’ijuru naho boba baritondeye ibindi vyagezwe vyose?

-Abantu batizera yuko Yesu Kristo azoza gutora umugeni mw’ibanga bakizera yuko azoza kubicu ntibazoja mw’ijuru naho bokwitondera ayandi mabwirizwa yose?

Abantu benshi bama barondera ibibatandukanya n’abandi, bagashiraho amananiza n’ibigirankana. Ushobora kwibaza utubazo ushaka muri urwo rutonde. Nkuko bikunze kugaruka cane reka tuvuge ku vyagezwe icumi cane cane. Kuri ivyo iyose bibazo abantu bakorako bagasha reka tuvyigire hamwe. Bishoboka wibangikanye bibiliya yawe n’agakaye ushobora kwandikamwo ibintu vy’ingenzi.

Publicités