Nuko Yotamu aba uhambaye, kuko yagenda atunganya ingeso ziwe imbere y’Uhoraho Imana yiwe.

2 NGOMA 27:6 Nuko Yotamu aba uhambaye, kuko yagenda atunganya ingeso ziwe imbere y’Uhoraho Imana yiwe. Alleluya bwoko bw’Imana, Yotamu yabaye Uhambaye kubera yubashe Imana akava mu ngezo mbi, akava muvyo Imana yanka! Wewe nawe ubwo nturi rurangiranwa mu busambanyi? mu busuma? mu kudandahirwa? mukuvugagizwa utandukanya abana b’Imana? mu kuvugagizwa usambura igikorwa ca NDIHO? mu kwiyemera mu binyoma? mu gutoteza abandi? mu kwirema ibice? mu gukorera ivyaha bitandukanye mu mpisho? Eeee raba neza uhindukirire Uhoraho, utunganye ingeso zawe, ehe benshi bariko bakorera Imana ariko imbere y’Imana baboneka nk’ibivume, Imana ntibabona ku kivi, ehe benshi bariko bakoresha inkomezi z’umwiza, bararaguza, bagakoresha amangetengete kandi bari baramenye Imana, eeee, hindukira ube rurangiranwa mu vyiza ntube rurangiranwa mu bibi! Yesu kristo Umwana w’Imana Nzima n’Umwami! Alleluya, DUSENGE : Turagushimiye Mana yacu Turaguhimbaje Wewe Wera ni Wewe gusa dushima ni Wewe gusa dukorera ni Wewe gusa twizigiye ni Wewe gusa Imana yacu Uhambaye Ushoboye vyose ni Wewe gusa urema Dawe Mwiza uyu musi turizeye kuza kuturemera bishasha uyu musi uze kutubera umusi udasanzwe uyu musi imbabazi zawe zitubonekeho guko uwo ugiriye imbabazi biramenyekana icubahiro kirushirizeho kuba icawe mw’Izina rya Yesu Kristo Umucunguzi wacu Amen.

Publicités