Uhoraho, mu gitondo uzokwama wumva ijwi ryanje : Mu gitondo nzokwama nerekeza ugusenga kwanje kuri wewe, nderetse

ZABURI 5:3-4 Uhoraho, mu gitondo uzokwama wumva ijwi ryanje : Mu gitondo nzokwama nerekeza ugusenga kwanje kuri wewe, nderetse. Kuk’utar’Imana y’intambirakibi; Umunyakibi ntazobana nawe. Alleluya Amen. DUSENGE : Mwami Yesu tuje imbere zawe muri kino gitondo tuguhimbaza Wewe Wadukunze urukundo rudashobora guharurika n’Ushimwe urabambwa natwe turabambuka ducika bazima n’ushimwe Ewe Mana yacu Turakwinginze Mana ushishikare kuturinda no kutuzigama uturinde ikibi cose Mana utwigishe kugenda nkuko ugomba no kugukorera uko ugomba n’ uko bikwiriye abera uyu musi bize kumenyeka kur’Imana yacu twiringiye Imana ishoboye vyose dushoborere vyose Data Wera uduhe ivyokurya bidukwiriye uyu musi uduhe inkomezi tubandanye urugendo rwo kukubaha no kugukorera icubahiro inganji no gufukamirwa bibe ivyawe ibihe vyose Amen.

Publicités