Ubutumwa bugenewe abakozi b’Imana bakorera ku mbunga ngurukana bumenyi n’abakorera mu mashengero atandukanye

*Ubutumwa bugenewe abakozi b’Imana bakorera ku mbunga ngurukana bumenyi n’abakorera mu mashengero atandukanye*

Bagenzi, bakozi b’Imana namwe mwese ncuti z’umusaraba, tugire umutima nk’uwari mu ntumwa za Yesu Kristo wo kwama duharanira kumenya no kumenyesha ukuri kwose mu kwuzurizanya ata gucokorana muri uyu murimo wo kwamamaza ubutumwa bw’ubwami bw’Imana.
Hariho abo inyigisho zabo zihagarara ku kwubaha ivyagezwe 10, bakifatira mu gahanga abatigisha nkabo ngo bariko barazimiza abandi. Bubaka ibisika bitatandukanya n’abandi ba Kristo aho kwubaka ibiraro bihuza abana b’Imana.
Abakozi b’Imana bigisha ivyagezwe 10 bakumva yuko bakomesheje! Ni ikintu ciza ukwigisha ivyagezwe kuko amajambo yose ari muri Bibiliya Yera arejejwe kandi na Yesu yavuze yuko dukwiriye kumenya kandi tukigisha ivyagezwe (Matayo 5:19) mugabo ntibiherera ngaho:
1. Ni ukumenya amabwirizwa yuko ari meza iyo uyakoresheje neza (1Timoteyo 1:8)
2. Ivyagezwe 10 siyo agize ibwirizwashingiro ry’umuKristo, mugabo Bibiliya Yera yose. (Ivahishuriwe Yohana 22:19)
3. Yesu ku musaraba, aho cagisuma cihana kigasaba imbabazi, Yesu ntiyakibwiye ngo ntaho uja utubashe ivyagezwe icumi, yagize ati uyu munsi nyene tuzoba turi kumwe mwi paradizo. (Luka 23:43)
3. Aho bazanira Yesu wa mugore bafashe asambana kugira ngo bamwicishe amabuye nkuko biri mu mabwirizwa 10, Yesu yamubariye ati genda ntuze usubire gukora icaha. (Yohani 8:11)
4. Muvyagezwe 10 vyo nyene, ntuzosangamwo kuja mu bapfumu no mu mizimu ,gukoresha ibiyovyabwe, gukunda Imana n’umutima wawe wose , n’ubwenge bwawe bwose, nivyo utunze vyose no gukunda mugenzi wawe nkuko wikunda, …none kurenga ivyo si icaha!. (Matayo 22:37-40)
Duhunge icaha cose, uko citwa kose kandi tuzobishobozwa n’ubuntu n’imbabazi vya Yesu Kristo kuko mw’ijuru hazohurirayo abacunguwe n’amaraso y’umwagazi w’Imana Yesu Kristo (1Peter 1:19)
-Bakozi b’Imana, ni mugire urukundo, guca bugufi kandi mwuzurizane kugira ngo mugaburire Ishengero rya Kristo, ihanga ry’Imana, ibihiye.
-Bakunzi, bagenzi bakozi b’Imana twubaha, gukora imirimo ya Data ni vyiza kandi nivy’igikundiro mugabo mugire umwete wo gusoma Ijambo ry’Imana ryose kandi mukundishe abaKristo bubu bose ugusoma ibitabo bitandukanye, mugire no guhishurirwa na Mpwemu Yera.
-Mwigishe abantu kwihana, kugororoka, kumenya ivyagezwe no kuvyitondera, ariko ikiruta vyose ni ukumenya ico Umwami Yesu Kristo yakoreye umwana w’umuntu ku musaraba, abe ariwo twese twirata.
http://www.abisezerano.com

Publicités