Kuri wewe ni ho nunamurira amaso, Wewe uvyagiye mw’ijuru.

ZABURI 123:1-2 Kuri wewe ni ho nunamurira amaso, Wewe uvyagiye mw’ijuru. Nk’uko amaso y’abashumba bayahanga ukuboko kwa shebuja, Kandi nk’uko amaso y’incoreke iyahanga ukuboko kwa inabuja, Ni kw’amaso yacu tuyahanga Uhoraho, Imana yacu, Gushitsa ah’azotugirira ikigongwe. Alleluya Amen. DUSENGE : Turakubashe Dawe Uvyagiye ku Ngoma duciye bugufi gose imbere zawe Mana tugushima ni Wewe Wenyene bibereye gushimwa turi bazima hari benshi bapfuye n’ushimwe Mana ni Wewe Wenyene DUSENGA ni Wewe Wenyene twizigiye ni Wewe Wenyene duhanze amaso turashaka imbabazi zawe zishishikare kutubonekaho utugenze uko ugomba Murengezi Uturengere Utugirire neza icubahiro inganji no gufukamirwa birushirizeho kuba ivyawe mw’Izina rya Yesu Kristo Amen.

Publicités