Ihanga ry’Imana rifise ibicaniro vy’amasengesho yo kukarago mu gihugu no mu mahanga, abantu bitangira gusengera igihugu n’imitwaro.

IHANGA RY’IMANA rifise ibicaniro vy’amasengesho yo ku karango mu gihugu cacu c’Uburundi no mumahanga uhereye mu bihugu duhana imbibe. Abo bahungu n’abakobwa, aba mama n’aba papa, abatama n’abatamakazi bihebeye umurimo wo gusengera IHANGA RY’IMANA no gusengera imitwaro y’Abarundi bose , abari mu gihugu n’abari mu mahanga; bakongera bagasengera igihugu cacu c’Uburundi ngo Uhoraho Imana Yehovah Yire, ibudutungire.

Abo basenzi n’abinginzi barafata iminsi y’amafungo bakaja mu mashamba yo ku misozi y’amasengesho, (nkaba mubona ku mafoto bagiye mu misozi muri Congo) bagaheza bakamara iminsi binginga Imana.

Ivyo ntivyorohereza satani agaca avyura ingunza. Afise ifuhe rinini mugabo Umwami wacu Yesu Kristo yaramuhonyanze umutwe ntabubasha agifise.

Mpwemu Yera yabahishuriye yuko:

– Naho biri uko, hariho abantu satani yateye akagwara ko kwishira hejuru, hamwe ngo ni abami, ahandi ngo ni indongozi z’ibi na biriya canke bakama bariko baragiriza abandi ibitagira umutwe n’amaguru. Abo bantu ni ukubababarira tukabasengera kuko baravangiwe.

– Ako kagwara kama kabatuma kwitandukanya n’abandi. Uhuye n’uyo muntu usanga ivyo avuga canke akora ari ukurondera impari, kwigira uwabonekewe no kuzana imivurungano n’ibice mu bantu.

-Mwene uyo muntu avuga menshi, yandika vyinshi kandi akora vyinshi vyose birora kuri we kugira ngo akunde yemegwe n’abantu.

-Mwene uyo muntu iyo akorokeye muvyo Imana yigira kamenyi, akigira umuvugishwa, umwami, intumwa iyo atigize icariho c’Imana.

-Kugira ngo ashike kuri ako kameremere kiwe, uyo mugwayi akoresha imirongo yo muri Bibiliya abantu badahuta barasobanukigwa neza , akayinjiramwo kugira ngo yerekane yuko ari umuhinga wivyo abandi badakozako intoke ngo bakabakabe.

-Mwene uwo muntu yikwegerako abadafise ihishurigwa, abakunda ivy’Imana nkuko bakunda ivyo umupira w’amaguru canke w’amaboko, bagahengamira mu mpari gusa maze bagatera ukuri umugongo kuko baba bagize ukuri ivyiyumviro vyabo.

Izo mpari kenshi bakunda kuziremesha ku gutoranywa kuva umuntu atararemwa no gucirigwako iteka umuntu atarabaho, isabato n’umunsi w’Imana, iminsi mikuru nka Noelia, pasika na pentecote, Imana na Yesu, ivyagezwe n’ubuntu n’ibindi vyinshi baronderamwo impari aho kurondera ukuri.

Kwemeza abandi ku nguvu mbere no kubifatira mu gahanga, kubagiriza no kubacira imanza; bakibagira yuko kwagiriza no gucira rubi abantu ari igikogwa ca satani ariko kwemeza icaha umutimabwenge w’umuntu kugira ngo yihane ari igikogwa ca Mpwemu Yera.

Mugenzi ukunda ukuri kandi ushaka kuragwa ubwami bw’ijuru n’Uburundi bw’isezerano, wumve vyinshi, uvuge make kugira ngo Imana ikuzigamire mu rugendo.

Ubwenge bwawe canke uwiyise umuvugishwa agomba ku gukwegera urupfu akubwira ngo araguhanuriye ni wewe watoranirijwe kurongora Uburundi bw’Isezerano. Reka guhendwa mubona. Ubwenge bw’igipfu butuma cishira hejujuru urupfu rwaco rukagishikira giturumbuka; nayo umuvugishwa atinya Imana yibanga guhanurira abantu ibihuye n’vyipfuzo vyiwe.

Umwami Yesu ni aganze.