Intahe n’amashimwe z’Ihanga ry’Imana kubwa Gislaine aturuka i Gitega


*INTAHE N’AMAHIMWE KUHORAHO IMANA YEHOVAH SHAMMA*


HANGA RY’IMANA, Pasika nziza mwese! Uhoraho Imana Nyenamahoro, Umukiza mwiza (Jehovah-Hosheya) abane namwe kandi mudufashe kuyitanzira aho muri hose nivyo murimwo vyose kubwa GISLAINE.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo ntasiba kwiyerekana muri mwebwe ishengero ryiwe ariryo Hanga ry’Imana. Arakiza abantu, akabatabara, agashitsa amasezerano igihe cose abo yitoranirije bamwambaje.
Akandi karorero kamwe muri twinshi ni ugutabagwa kwa Gislaine mubona aho kw’ifoto, ubwambere yarakigwaye kubera ibibazo vyo kubura abavyeyi bose n’izindi mvo zijana navyo, ari naco catumye asinzikara mu mutima maze agahereza mu bitaro, aho abantu bibaza yuko ataco bakihokora.
Mugabo kubera ya masengesho akingura ijuru, ya masengesho y’abahamagariwe gukorera Imana; Ihanga ry’Imana rifise umunezero ntangere wo kuguma rishimira Uhoraho Imana yacu kubwo urukundo, imbabazi n’ubuntu igirira abana bayo mu kubatabara, kubakiza indwara z’ubwoko bwose no kubibutsa yuko ivyo yabasezeraniye vyose igiye kubishitsa.
Gislaine yarakize mbere agira asubire kubandanya amashure yiwe yari yahagaritse mu myaka 2 iheze kubera imvo z’amagwara.
*Mbega umunezero wo kugendana n’Imana!
*Mbega umunezero wo kumenya yuko Umuremyi w’isi n’ijuru n’ibirimwo vyose akuzi, yagutoranije kandi yuko atazigera aguta!
*Mbega umunezero wo kumenya yuko uwakubabarijwe, akakubambigwa, agapfa kandi akazuka agufise mu kiganza!
*Mbega umunezero wo kumenya yuko nkuko Imana yagendanye n’Ihanga rya Isirayeli rya kera ariko iriko iragendana n’Ihanga ry’Imana uyu munsi!
Bantu mwese mwizeye ugutabagwa kuva k’Umwami w’abami Yesu Kristo mwihane neza, abatarabatizwa babatizwe kuko Ihanga ry’Imana ryaratanguye isekeza ryo ku batiza;
Mwirinde inyigisho zose zidashira hejuru Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo (izicanishamwo abakristo, izigisha urwanko, izicokora uyu n’uriya, n’amajambo y’imburakimazi)
Kandi mwame mwitabira amasengesho nkuko Ihanga ry’Imana riyategekanya. Ugutabarwa kwanyu kurashitse!
-Woba ufise inzozi ugomba gusobanurigwa?
-Woba ugomba umubatizo wo muri yorodani nkuko Bibiliya ibitwigisha?
-Woba ufise imitwaro ugomba yuko Imana ikwishura?
Twandikire kuri abisezerano@yahoo.fr canke uce kumbuga n’imihora y’Ihanga ry’Imana, ukoreshe na Whatsapps z’abakozi b’ihanga ry’Imana.
Umwami wacu Yesu Kristo akomeze kubana namwe mwese!
Publicités