Abantu batandatu bishwe mu gitero cakozwe ku rusengero muri Burkina Faso

Abategetsi b’igihugu ca Burkina Faso bamenyesha ko abantu bitwaje ibirwanisho bateye ejo ku wa Mungu ku rusengero ruri mu buraruko bw’ico gihugu, bica abantu bashika batandatu.

Bivugwa ko abo bantu bateye baje bari kumapikipiki indwi inyuma y’igisabisho, baca bica umupasitori, abana biwe b’abahungu babiri, hamwe n’abakirisu batatu.

Nico gitero ca mbere gikozwe ku rusengero kuva hadutse imigumuko y’ umurwi ugendera ku vyiyumviro bikaze vy’idini rya Isilamu muri ico gihugu co muri Afrika y’Uburengero mu mwaka wa 2016.

Abarwanyi bafitaniye ubucuti n’umuhari al-Qaeda, umuhari wiyita Leta ya ki Isilamu, be n’umuhari wo muri ico gihugu witwa Ansarul Islam, baragisibije muri Burkina Faso.

Ico gitero ku rusengero rw’abaporotesanti cabereye mu gisagara gito citwa Silgadji hafi y’igisagara ca Djibo, umugwa mukuru w’intara ya Soum. 

Igitigiri c’abo bantu bateye canke umurwi ubiyitirira ntibiramenyekana.

Publicités