UMUSARABA ntawowugereranya n’IVYAGEZWE.

MW’IVUGURUGWA, UMUVYURO N’IKANGURO DUKENEWE UKWIHANA, UGUHINDUKA, UGUKIZWA VY’UKURI, UGUKUNDA NO GUSOMA IJAMBO RY’IMANA, UKUGOROROKA N’UMURIRO WA MPWEMU YERA.

Ukuri ni ukoIvyagezwe vyaba 10, vyaba 312 canke 613 vyari vyiza cane hataraza amaraso ya Yesu Kristo yoza ivyaha vyose. Kandi ntushobora gufatanya Isezerano ry’ivyagezwe n’iryo umusaraba, ntibifatanika haba namba. Icapa co mu mayirabiri cereka abantu inzira bofata n’icete co mu mutima gihindura abantu kikabagira basha kikanabereka inzira yose ntibisa kandi ntibifatanywa.

Abantu n’imigwi yigisha gusubira ku rufatiro rw’ivyagezwe baba bagisigaje gusobanukirwa agakiza icarico. Ntibaba baratahura itandukaniro riri hagati y’icapa (amabwirizwa) n’icete (kurongorwa na Mpwemu Yera)kuko iyo urongorwa na Mpwemu w’Imana niho ushobora gushitsa ivyagezwe vyose.

-Mu vyagezwe ntuzosangamwo ukugororoka gushitse (Matayo 3:15)

-Mu vyagezwe ntuzosangamwo umubatizo wo mu mazi no muri Mpwemu Yera(Ivyakozwe n’Intumwa 2:38)

-Mu vyagezwe ntuzosangayo ukuvuga mu ndimi zitamenyekana, ibitangaza n’utwumiza aho na satani aratakara. (Mariko 16:17)

-Mu vyagezwe ntuzosangayo ugukunda Imana n’umutima wawe wose n’ubwenge bwawe bwose no gukunda mugenzi wawe nkuko wikunda (Matayo 22:34-40)

-Muvyagenzwe ntuzosangayo kubabarira uwakugiriye nabi incuro 490 (Matayo 18:22)

-Mu vyagezwe ntuzosangayo indirimbo y’abacunguwe n’amaraso y’umwagazi w’Imana (Abigalatiya 3:13, 1:4, Yesaya 44:22)

-Muvyagezwe ntuzosangayo gufasha impfuvyi, abapfakazi, abagwaye n’abababaye (Yakobo 1:27)

-Muvyagezwe ntuzosangayo ukwitanga kuzana intama za zimiye ku gakiza kabonegwa muri Yesu Kristo (Mariko 16:14-18, Luka 22:44-49)

-Muvyagezwe ntuzosangayo ivyamwa 12 vya Mpwemu Yera (Abigalatiya 5: 22-23)

-Mu vyagezwe ntuzosangayo ukwirata ubushobozi bw’umusaraba wa Yesu Kristo ata zindi nkomezi zaba izumwijima canke iz’icaha zibuhangara (Mariko 15:2-41)

-Mu vyagezwe ntuzosangayo Amahoro atangaje kandi atomenywa n’uwariwe wese. (Abifilipi 4:7)

– Muvyagezwe ntuzosangayo gukunda abansi bawe no gusengera abaguhama no gusigira umutamana uwushatse ipfundo (Matayo 5:43-48)

-Muvyagezwe ntushobora gukira indwara, kubohoka kuvaha no kwihana kubwo amasengesho. (Abifilipi 4:6-7)

-Mu vyagezwe ntuzosangayo indirimbo no gusenga mu kuri no mu Mpwemu. Ivyo vyose bibonerwa muri Yesu we yaje gushitsa ivyo vyagezwe ku musaraba. (Zaburi 95:6, Yohana 4:23-24)

Mu vyagezwe uzosangayo ivyaha (Abaroma 4:15), umuvumo (Abigalatiya 3:13), urupfu (2Abikorinto3:6) no gucibwako amateka (Abaroma 2:17-24) gutamiraubusa (Zaburi 127:1), n’uburyarya (Mariko 7:6) ariko muri Yesu Kristo, urongogwa na Mpwemu Yera akagushitsa ku kugororoka kwose mu kukorongora mu nzira zose.

Ugomba gukizwa ni wature yuko Yesu Kristo ari Umwami n’Umukiza w’ubugingo bwawe kandi yuko yapfuye akazuka kugira ngo adukize.

Ufise ico ubaza, gusigurirwa inzozi, umutwaro w’amasengesho, ukubatizwa canke ubundi bufasha twandikire kuri:

-Inbox Facebook

-Whatsapp: +251-940846357 canke +257-61404181

-Email: abisezerano@yahoo.com

Publicités