Umutumiro w’amasengesho yo gusengera imitwaro y’Abarundi n’igihugu c’Uburundi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RYERA RY’IMANA Y’IYI NDWI (20/05-27/05/2019)
Hanga ry’Imana namwe mwese bakunzi mwese b’umusaraba, “Uhoraho Imana yabwiye abari ku bicaniro vyose mu gihugu no mu mahanga ngo tubabwire yuko igihe cageze co gusemerera no guhamagarira abantu bose kwihana, kwitunganya no guhinduka.”Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi kuwa gatatu w’iyinga (Mercredi) na no kuwa gatandatu w’iyinga (Samedi). Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro bitandukanye canke ivyumba vy’amasengesho twita kukarago, dusanganywe bitandukanye, ayabera mu migwi itandukanye y’intara kama, ayabera mu migwi ya whatsapp nka (Dusabe Mpwemu) na Facebook, abari I Bulaya basanzwe basenga amasengesho yo kwitanga ku wa Mbere w’iyinga (Lundi), Aziya na Ostraliya basenga kuwa 2 w’iyinga (mardi), Afika ni kuwa kane w’iyinga (Jeudi), Canada na Amerika ni kuwa gatanu w’iyinga (Vendredi.)Kira ndwi tuba dufise urufatiro rwayo, rugizwe n’ibisomwa vyo muri Bibiliya twahawe na Mpwemu Yera, tubadusifise kandi n’indirimbo zatoranije, n’ivyo Mpwemu Yera yahishuye kuri aba na bariya.Tuba dufose kandi n’imitwaro itandukanye yo gusengera, iyo mwibanga niyo ku mugaragaro, tuba twahawe n’abantu kugiti cabo, imiryango, amashirahamwe n’amashengero atandukanye. Iyo mitwaro yose tuyishira ku bicaniro abasenzi babinginzi bakayisengera. Kuri Radio ducishako amasengesho yo muri rusangi.
URUFATIRO RW’IYI NDWI.1. “ MU BIHE BIGOYE URIMWO CANKE WIMIRIJE GUCAMWO UZOKWIZIGIRE UWAPFUYE AKAZUKA MU BAPFUYE WENYENE” 2 Abikorinto 1: 8-11 2. “ MURI IVYO BIHE WIRINDE UFATE URURIMI RWAWE NTUVUGE IJAMBO RIBI CANKE NGO WANDUZE URURIMI RWAWE” Yakobo 1: 26-27.
INYIGISHO – Ntuzogire ubwoba bwo kubwira umwizigirwa ibihe bigoye urimwo. – Uze wizigire uwapfuye akazuka ubu akaba ari muzima kandi agukunda.- Wame usengana ukwizera ubudahemuka kuko amasengesho ahindura ibintu.
IYVO MPWEMU YERA AHISHURA
– Uwuri mu gihugu ni arondere umuntu ari mu mahanga amusengere mw’ibanga ico Imana yikorera.- Uwuri mu mahanga ni arondere umuntu ari mu gihugu amusengere mw’ibanga ico Imana yikorera.- Imana ntiyababgiye ibigiye gushika ngo ibatere ubwoba canke ngo abantu abagire amarari, mugabo kugira ngo abantu bategure imitima yabo, bihane bezwe kandi basengere uburinzi.
IMITWARO
– Gusenga ngo ubugombe bw’Imana abe aribwo bushika ku gihugu no kw’ishengero.- Gusengera abo Imana yatoranirije umurimo wayo, abungere, abavugabutumwa, abasenzi, abaririmvyi n’abateramiye Isezerano bose ngo bongerwe inkomezi, uburinzi no kutavangirwa.-Gusengera abarwaye, abapfunzwe, abafise ubumuga, abageze muzabukuru, impunzi, abaganza n’abera bose.
ITANGAZO-Uragomba ubufasha bw’amasengesho?-Uragomba gusigurigwa inzozi?-Uragomba kubatizwa muri Yorodani?-Uragomba kwuzuzwa Mpwemu Yera?-Uragomba gufatanya n’abandi ibikogwa mw’Ihanga ry’Imana?Twandikire kuri abisezerano@yahoo.com canke +257 61404181, +251940846357, +255759413878, +260978685755+966556674316.Umwami Yesu abahezagire!

Publicités