Umutumiro w’amasengesho yo kwitanga

*UMUTUMIRO WO GUSENGA NO GUSENGERWA AMASENGESHO Y’INKOMEZI*

Yesu ashimwe bwoko bw’Imana, ndabagumbiriye mw’izina ry’Umwami n’Umucunguzi wacu Yesu Kristo.
Kuri uyu munsi, nagira ngo twibukanye yuko Ihanga ry’Imana ryimirije urugendo ruzomara indwi, aho Abakristo bose bazomara iminsi 7 mu kw’7 bari imbere y’Imana basenga bisonzesheje, batarya, batanywa kiretse abagwayi n’abatabishoboye. Ubugaragwa bwabaye burebure ku bantu benshi. Imitima n’imibiri myinshi irarushe, Imana iraje gutabara.
Muyatumirire abavyeyi banyu, imiryango yanyu, incuti n’abagenzi. Amashengero yose aratumiwe, eka nabo twumva bikurikiza Ihanga ry’Imana bishushanya naryo baratumiwe. Umuntu wese arahawe kaze azibonere ubwiza bw’Imana.
Nkuko twabigenje muri kahise tukabona ibitangaza bikoreka mw’Ihanga ry’Abarundi aho bari kw’isi abagwayi bagakira, ababoshwe bakabohoka, abadafise akazi bakakaronka, imiryango yatanye igasubirana, Imana ikivuganira n’abantu n’ibindi; ubu Imana igomba ikorere Ihanga yitoranirije ibitangaza vyakataraboneka.
Kubwivyo, mutangure kwitegurira iyo minsi y’amasengesho. Abari mu ma groupes ya whatsapp, Facebook, viber na télégrammes, mwirinde kuja mu magroupes abasamaza, mwirinde ama publicités n’ibiyago bibi. Imana yacu ni Imana Yera kandi ipfuhira Ihanga ryayo.
Tuzoguma twibukanya ingendo ibereye uwitegurira amasengesho y’inkomezi no kubonana n’Imana.
Tuzobarungikira udutabo dito duto two gusoma kugira ngo mumenye ibikwiriye, ntihagire uwuzosigara muri urwo rugendo.
Imana Nyene Amahoro ibazigame!
abisezerano.com