Intahe n’amashimwe kubwo Imana yumva amasengesho y’Ihanga igakora ibitangaza

INTAHE N’AMASHIMWE KU MANA UHORAHO YEHOVAH SHAMAH SE W’UMWAMI WACU YESU KRISTO YARAKIJIJE KANDI ARABOHORA BENSHI KUBWO AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA.

Hanga ry’Imana mwese aho muri mu gihugu no kw’isi yose, turabaramukije amahoro ya Yesu Kristo Shalom! Dufise amashimwe menshi kubwo intahe za bene Data zikomeza kudushikira. Yesu Kristo ni yamamare, uwapfuye akazuka ubu akaba ari muzima kandi akaba ariko aragendagenda yiyerekana mw’Ihanga ryose mu gihugu no mumahanga, akiza abarwaye, aruhura abarushe, anakora ibitangaza vy’ubwoko bwose.

Mukomeze gukurikira ibikogwa bitangaje akorera abana b’abantu ashingira intahe umurimo wiwe yatanguje mu kwitoraniriza ihanga ry’Abarundi akabagira abana b’Isezerano. Yagiriye neza aba mubona umwe amuha umwana inyuma y’imyaka 12 atabona n’iyikoroka, abanda abakiza indwara y’amaguru, indwara y’amaraso, diabète, hypertension, indwara y’umutima, ibivyimba vyiyadukiza n’izindi ndwara zitandukanye. Mudufashe guhimbaza Imana, kuyitazira no gushima.

Twihane twese, duhinduke , twiyambure ivyaha vyose kandi dutumbere inzira y’UMUSARABA wa Yesu Kristo.

-Urafise umutwaro wo gusengerwa?

-Urashaka ugusigurirwa inzozi?

– Uragomba kwama uronka ibiganiro vya Radio na Télévision Isezerano?

-Urashaka kwifatanya n’ihanga ry’Imana mugukorera Uhoraraho Yehovah Imana?

– Urashaka kwihana, gukizwa, kwezwa canke kubatizwa?

Twandikire kuri +25761404181, +251940846357canke kuri abisezerano@yahoo.com

Yesu abahezagire!

Publicités