Ijuru ritangaza Amahoro kugihugu c’Uburundi no mukarere inyuma y’igihuhusi.

Hanga ry’Imana aho muri hose mu gihugu cacu no kw’isi yose, Uhoraho Imana yaduhamagaye abandanya kwigaragaza hirya no hino mu vyumba no kumisozi y’amasengesho.

Akomeza guhamagara abakobwa n’abahungu, abagabo n’abagore hirya no hino mu gihugu no mu mahanga.

Amakuru ava ku bicaniro vyose, Imana yagize iti bwira abantu bose biyeze, bitunganye kandi batunganye n’ingeso zabo zose kuko ngira ndabakorere ivyiza bitazibagiranwa mu mateka y’igihugu canyu.

Wewe uronse ubu butumwa uratewe akamo ko kwihana, kwiyeza no gutunganya ingeso zawe kugira ngo usenge mu kuri no mu Mpwemu.

Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abahezagire.

abisezerano.com

Publicités