UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IYI NDWI
Uhoraho Imana akomeje guhamagarira Abarundi bose, abari mu gihugu n’abari mu mahanga, kwihana, kwiyeza no gutunganya ingeso zabo zose.
URUFATIRO
“ Muhindure ivyiyumviro, amajambo n’ibikogwa vyanyu bibi mubone gusenga maze Mpwemu w’Imana abadomeko ikimenyetso c’Uburinzi.
INYIGISHO
*1 Abitesaloniki 5:13 na Zaburi 91 yose*
– Urondere umwanya utuje iminsi yose wo kuganira n’Imana.
– Ufate ku mutwe imirongo yo muri Bibiriya iguhezagira.
– Ufate umwanya wo gusenga wisonzesheje.
– Wambare ibigwanishwa vy’umuKristo (Abayefeso 6:13)
~Imvo zotuma usenga cane
* Yakobo 5:13-20*
-Wosenga cane ku mvo z’ibishobisho bibi, umubabaro wo mu mutima n’ingorane zo mu kibano. (Yakobo 5:13)
– Wosenga cane ku mvo z’umubiri, indwara, ivyambagwa, infungugwa, aho kuba, uburinzi n’amagara. (Yakobo 5:14)
– Wosenga cane kubwo imvo z’impwemu: Gukira ivyaha, kwihana, gutungana, gukizwa no kugororoka. (Yakobo 5: 15:16 na 19-20)
– Wosenga cane kubwo imvo z’igihugu kugira ngo ubugombe bw’Imana bushike ( Yakobo 5:17-18)
*Muri mwebwe uwunezerewe azoritimbe ishimwe*
IVYO MPWEMU AHISHURA
-Hagiye kuba ibihe bitoroshe kubatizera no kubadahagaze neza mu gakiza.
IMITWARO YO GUSENGERA
– Abasubiye inyuma mu gakiza n’abizera ibintazi bakibaza yuko bari mu kuri kandi bari mu buzimire.
– Abari mu bibazo bitandukanye nk’abagwaye, abapfunzwe, impunzi, abashonje, abageze mu zabukuru.
– Abafise imirimo itandukaye mw’Ihaga ry’Imana.
Umwami Yesu akomeze kubihishurira gusumba vyose.