URUGENDO RW’IHANGA RYERA RY’IMANA ARIRYO SHENGERO RYA YESU KRISTO
Uhoraho Imana, se w’Umwami wacu Yesu Kristo yitoranirije Ihanga ry’Abarundi ngo bamubere inyegu yiwe yitoranirije nkuko kera yatoranije abisirayeli. Abarundi ni ihanga rya babajwe n’imiruho, urwanko, indyane ni intambara z’ubwicanyi z’urutavanako none Uhoraho Imana yasezeranye kubirangiza. Ni uko turi Ihanga ry’Imana, abatoranijwe n’abisezerano. Twahamagariwe kwihana, kwezwa, gutungana no gukorera Imana mu gukwiza ubutumwa bwiza mu gihugu no mu mahanga. Turi abami n’abaherezi. Mu gihe tukiri hano kw’isi, Imana yadusezeraniye igihugu gitemba amata n’ubuki kugira ngo tworohegwe mu gutegura urugendo ruja mw’ijuru:
1. Igihugu c’Uburundi, Uhoraho Imana ya Aburahamu yaragitoranije ngo abarundi bayibere Ihanga Ryera.
2. I Burundi, Uhoraho Imana y’Ubushobozi yahatoboye iriba ry’Agakiza, Umuvyuro n’Ikanguro kandi n’abanyamahanga bazorinywako.
3. Igihugu c’Uburundi kizokwama kirongogwa n’uwo Uhoraho Imana yo mw’ijuru yirobanuriye ngo atunganirize Ihanga ryiwe.
4. Intwaro y’uBurundi bw’Isezerano ni intwaro izotunganiriza bose kandi yubahisha Imana.
5. Uwuzoba yatoranirijwe kurongora uBurundi azoba atwara nk’umwami yorohewe kubera yuko atamigambwe canke imigwi yitwaje ibigwanisho izomugwanya, Abarundi bazobaho mu mahoro.
6. Imbibe z’igihugu c’Uburundi bw’Isezerano zizaguka kubera agakiza n’ikanguro mu Mpwemu, intwaro nziza, ubutunzi, iterambere n’ubugwaneza bw’ihanga ry’Imana.
7. Ubutaka bw’Uburundi buzovumugwa, isi ndimwa yimbuke, ifaranga rigire agaciro, impunzi zitahe, abarundi babeho neza mbere n’abanyamahanga bipfuze kuza kwibera iBurundi.
8. Mu Burundi hazoboneka ubutare n’ubundi butunzi buri mu butaka bizotuma abarundi babaho neza, amabarabara ya kijambere, amagorofa maremare, amagari yo kundarayi, indege mu kirere, ibitaro n’abaganga vya kijambere n’ibindi.
9. Urwanko n’amacakubiri y’amoko, imiryango, intara, imigambwe n’amadini bigiye kuzimangana abarundi babeho mu mahoro, urukundo, kwubaha no gutinya Imana.
10. Uhoraho Imana Isumba Vyose yasutse Mpwemu y’ubwenge n’ibitanganza mw’Ihanga ryayo.
11. Ikirundi ni ururimi rw’Ihanga ry’Imana, ururimi ruzohabwa agaciro, rukomera, rumenyekane kw’isi yose, n’abanyamahanga baziga kuruvuga, kandi n’ifaranga ry’uburundi rizogira agaciro no mu makungu.
12. Imbere yuko Isezerano rishika, Uburundi n’abarundi baciye mu bihe bigoye. Isi yose yarabuhagurukiye, amagume menshi, ubwicanyi, uruhungo, inzara n’ubukene, ihamwa n’itotezwa, ariko ehe tubaye icitegererezo ciza mu mahanga.
Abarundi dutegerezwa guteramira no gukorera iryo sezerano kuko satani ntiyicaye. Umwijima ntushobora gutsinda umuco, kandi ikinyoma ntigishobora gutsinda ukuri. Iyi nyenyeri « ISEZERANO » y’Ihanga ry’Imana, niyo uwizera Imana wese, uwizera isezerano ryo kuja mwijuru wese, iryo igihugu n’iry’iwe kugira ngo akurikire urugendo rw’Ihanga ry’Imana.
Abahawe umuhamagaro wo gukorera Imana bose, abumva bashaka gutunganira Imana bose bahawe akaryo ko kuja muri uru rugendo.
Muri uru rugendo tugera ikirenge muca Yesu Kristo ( Yohana 14:6)
Umwami wacu Yesu Kristo yamamare