
Yakobo 2:26 “Nk’uk’umubiri utarimw’impwemu uba upfuye nik’ukeizera kutagira ibikogwa kumera, kuba gupfuye.”Uwo mw’Ihanga Ryera ry’Imana wese ategerezwa kurangwa n’ibikogwa: Gusenga, kuvuga ubutumwa, kugarukira ku bagwaye, abapfunzwe n’abandi bari mu ngorane no gufasha. Agakorera mw’ibango yahawe.Ntihakagira utinya amaso y’abantu canke ngo aharanire amaronko nkuko ab’ikigihe bameze. Uyobegwa umukozi w’Imana n’uwironderera inyungu ziwe kuko bose bafise imico n’imigenzo imwe. AbaKristo b’ukuri bategerezwa kwisa.Hari abikika mu masezerano b’iyita Ihanga bakigisha urwanko, twigishe urukundo. Binyegeza mu bice vy’imirongo ya Bibiliya bagasuka umwiza mu bantu, tuzane umuco. Akarorero bakubwira ngo amaraso ya Yesu Kristo afashwa n’ivyagezwe. Ubwo ni ubuzimire! Harageze yuko uwatoranijwe wese ahagararira ukuri yuko Yesu Kristo we nyene ariwe nzira n’ukuri n’ubugingo kandi yuko ukwihana, ukwiyeza no gutungana ariryo semo ryo kugororoka.Ihanga Ryera nti rigwanya amaleta, amadini canke abantu, rigwanya icaha n’ubuzimire bitegwa na Satani n’ibikoresho vyiwe, rigateramira isezerano. Abavanga ivy’Imana na politike ni imburakimazi n’abazimizi naho boba bavuga isezerano canke bakiyitirira ihanga. Ihanga Ryera si ikivanga ni abejejwe barongogwa na Mpwemu Yera bakarangawa n’ibikorwa vy’urukundo n’ubugwaneza.Shikame, mushire amanga, muhagararire ukuri. Abatinya kwemanga umugambi w’Imana w’isezerano ku Burundi, bagatinya kwemanga kwari Ihanga Ryera nico kimwe n’ababihindukiza, bose ni ukubatinyura gufatanije no kubahubura.Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abazigame mwese, Amen!