UMUTUMIRO W’AMASENGESHO W’IY’INDWI KUVA14 GUSHIKA 21-10/2019.
Ihanga Ryera ry’Imana rifise umuhamagaro wo gushikira Abarundi bose aho bari hose rikoresheje uburyo bgose bushoboka kugira nga ribamenyeshe ico Uhoraho Imana abagombako muri ibi bihe. Ibicaniro vy’Ihanga ry’Imana birenga 50 ibiri mu gihugu n’ibiri mu mahanga, vyose birakurakuranwa ijoro n’umurango kandi iminsi yose bisengera igihugu c’Uburundi n’Abarundi bose.
URUFATIRO
Ihanga Ryera ry’Imana rifise umugambi wo kubgira ubutumwa bgiza bg’umusaraba wa Yesu Kristo umuntu wese ari mu gihugu c’Uburundi n’Umurundi wese aho ari mu mahanga. Tuzoshwara intara zose, amakomine yose, amazones n’imitumba yose. Tuzoshika mu bihugu duhana imbibe n’ibihugu vya kure kugira ngo Umurundi wese aronke ubwo butumwa. Abarundi bayerera mu mashamba, abari mu nkambi z’impunzi n’abari mu bisagaea bitandukanye dutegerezwa kubashikira bamenye ubwo burumwa.
UBUTUMWA KU MURUNDI WESE
“Yesu Kristo ni Umwami n’Umukiza: yaritanze ku musaraba arapfa arahambwa kandi arazuka kubera ivyaha vy’umuntu wese ku giti ciwe. Yitanze kugira ngo ducungugwe umuvumo n’urupfu; yashishaguwe kugira ngo dukire ingoyi indwara, ubukene n’ibibi vyose kandi n’ubu kubera imbabazi ziwe n’urukundo aracarindiriye yuko umuntu wese yihana ameregwe neza kandi akize igihugu cacu.”
IVYO MPWEMU YERA AHISHURA
- Amadini n’amashengero menshi yabereye igitsitaza abakristo n’abizera hirya no hino mu gihugu no mu mahanga, ingendo y’abiyita abakozi b’Imana ari indyadya nayo yakuye benshi mu gakiza. Bakwiriye kumenya Yesu vy’ukuri.
- Abantu benshi bariko barazimizwa n’imigwi y’abanyavyaha yihamagaye yigisha inyigisho z’ubuzimire zo kubohera abantu mu madini, mu mashengero no mu basohoke, aho kubereka inzira y’umusaraba. Abantu bakwiriye gutumbera Yesu wenyene.
- Imigwi myinshi yigisha ibitandukanya abizera , bigisha urwanko no kwinubana bishimikije amazina bitwa, ivyagezwe no kuziririza iminsi bakirengagiza yuko Yesu Kristo ariwe wenyene umuhuza w’abantu n’Imana, inzira n’ukuri n’ubugingo n’itanguriro n’iherezo.
INYIGISHO
-Umukristo wese yihanye, agakizwa, akabatizwa, agatunganya ingeso ziwe ahamagarigwa kwerekana ubudasa mu vyiyumviro vyiwe, mu mvugo ziwe no mubikogwa vyiwe. [Mariko 2:1-12]
-Ntaco bitwaye idini n’ishengero winjiriramwo ubu, ntaco bitwaye aho winjirira kuw’Imana canke kw’isabato uyu munsi, ntaco bitwaye kuba hariho ibibazo vyo gutahura ukuri kw’inzira y’ukuri yo kuja mwijuru uyu munsi; igikuru n’uko ufata inzira yo gukurikira Umusaraba wa Yesu Kristo kugira ngo aguhe Mpwemu Yera ari nawe agiye ku gushikana kumenya ukuri kwose. [Yohana 16:13]
-Menya kandi umenyesheshe abandi yuko Yesu Kristo yabishuriye imyenda ariyo madeni yose; yuko yabazaniye intsinzi yakuye ku musaraba no mumva kandi kwariwe gakiza kabaremwe bose. Menya yuko akiza imitima n’imibiri, yamye akora ibitangaza bitandukanye kandi n’ubu uyu munsi yuko akibikora ku buryo umwizera wese agiye kubibona akaronka n’imihezagiro yo mu mutima no mu mubiri. [Abigalatiya 3:13-14]
– Gira umugambi wo kubgira umuntu canke abantu ubutumwa bgiza bg’urukundo, imbabazi n’ubuntu bg’Imana bgatumye yihindura umuntu ikaza kuducungura, ataruko twari tubibereye mugabo kubwo imbabazi zayo zamaho ibihe bidashira [Abifilipi 2:7]
1. Suzuma uko umuntu amerewe, umenye yuko akeneye Yesu Kristo kugira ngo amubohore, maze umushire ubutumwa. Hariho abantu benshi baboshwe n’impwemu z’ububeshi, ishavu, ukwishira hejuru, ubusambanyi, ubusuma, imitongano, ubunebwe, urwanko n’ibindi maze umwegere mu burwaneza n’urukundo umwigishe uko Yesu Kristo ashobora ku mubohora mu kumushingira intahe yivyo yagukoreye no mu gusenga. [Matayo 9:38]
2. Erekana impuhwe, urukundo no guca bugufi ku muntu kugira ngo ushobore ku muyagira igikogwa c’umusaraba wa Yesu Kristo. Abantu benshi bari mu madini n’amashengero, abazimiye n’abataramenya Yesu Kristo barakeneye guhereza ubuzima bgabo Imana ngo bahinduke, kuko abadafise Yesu bazoja mu muriro udahera [Yuda 1: 22-23]
3. Nezereregwa kandi wigine intsinzi y’umuntu yahindutse, akakira Yesu Kristo kumubera Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgiwe, akihana, akabatizwa kandi agaheba ingeso mbi zose yagenderamwo. Mw’ijuru abamarayika barishimira umunyavyaha umwe gusa yihanye, natwe turushirizeho gushikira benshi no kunezereregwana nabo. [1Petero 1:18-19, 2Abikorinto5:17]
IMITWARO YO GUSENGERA
-Tuzosengera igihugu cacu c’Uburundi ngo ubugombe bw’Imana bukibeko, ishitse amasezerano yagisezeraniye.
-Tuzosengera abataramenya Yesu Kristo, abari mu buzimire n’abasubiye inyuma ngo umuco uturuka k’Uhoraho Imana ubarasire.
-Tuzosengera ya mitwaro yose twama turiko turasengera y’abagwaye, abari mu bukene, abashonje, abari mu ntambara mu ngo zabo, mu mashure, mu kazi, abari mu makambi y’impunzi, abari mu minyorororo itandukanye, abadafise akazi, abari mu mutekano muke n’abadafise aho baba.
Umwamu wacu Yesu Kristo abane namwe mwese kandi abahezagire, Amen!