
Nkuko bivugwa uwurongoye Red- Tabara ari nawe arongoye umugambwe MSD ariwe Alexis Sinduhije acumbitse mu gihugu c’Ububiligi.
Vyoba vyiza umwe wese imbere yuko akora ikintu abanje kurimbura ingaruka zaco kuko abo bana musuka mu rupfu ejo muzobabazwa.
Kuva mu kwezi kw’icumi gushika mu kwezi kw’icumi na kabiri hama hariho impwemu y’ubwicanyi iguma itambatamba hejuru y’igihugu cacu. Abantu benshi bariyahura, abandi bakicwa n’indwara, impanuka n’ibindi. Ubu hoho ni abana b’UBurundi bahenzwe n’abanya politike bivugwa yuko ari Red-Tabara baroshe urwaruka rubayoboka mu kuva mu gihugu ca Kongo RDC, baja gutera igihugu c’Uburundi baciye i musigati muri bubanza. Benshi muribo bishwe abandi bafatwa mpiri igwanishwa vyabo navyo umuyoro birafatwa. Uwo muhari nyene ni nawo wajabutse uruzi rusizi mumyaka iheze ukaja kwica abanyagihugu ku Ruhagarika mu ntara ya Cibitoke.