
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA Y’IY’INDWI 11-17/11/2019
Nkuko Uhoraho Imana yabidudetetse, ibicaniro vy’Ihanga Ryera ry’Imana vyose uko birenga 50 vyama bikurakuranwa mu gusenga iminsi yose igize indwi. Tuba turiko turasengera igihugu cacu c’Uburundi n’imitwaro itandukanye y’Abarundi abari mu gihugu canke abari mu mahanga. Intara zose z’igihugu cacu zifise ibicaniro vy’Ihanga, co kimwe n’ibihugu biri hafi n’ibiri kure. Turagomba yuko ubgicanyi, urwanko, amacakubiri ayariyo yose, akarenganyo n’ubukene birandugwana n’imizi mu gihugu cacu abana bose b’Uburundi bazomenye yuko Imana yashikije ivyo yabasezeraniye.
URUFATIRO N’IBISOMWA
“Vyose birashobokera abizera” [Mariko 9:23, Matayo 19:26, Luka 1:37, Abifilipi 4:13, Itanguriro 11:6, Yobu 42:2, Mariko 11:24, Yesaya 41:10, Yeremiya 32:17, 8:31, Imigani 3:6, 1Abikorinto 10:13]
INYIGISHO
-Amagara n’ubutunzi bitarimwo Umwami n’Umukiza Yesu Kristo ntaho bishira. Ubutunzi bga wa mutunzi bgamubereye ikizibizo co gushikira agakiza mugihe abantu bahamagarigwa gukurikira Yesu wenyene [Matay 19:21] kandi umuntu wese yomenya yuko inzira yiciriye ataho izomushikana ariko yuko inzira Yesu KRisto yaduciriye ariyo yonyene ishika.
– Wa musore w’umutunzi yari yaritondeye ivyagezwe vyose biri mw’isezerano rya kera kugira ngo akrere ubuzima budahera, aho uhuriye na Yesu Kristo yamenye neza yuko ari mu buntu, urukundo n’imbabazi z’Imana honyene ashobora kuronkera ubuzima budashira. [Mariko 10:17-31]
-Natwe mu kwizera Imana n’imitima yacu yose, mu gusenga, kwiyeza no kwitunganya niho honyene dushobora gushikira ku masezerano yo mu mubiri n mu Mpwemu, Uhoraho Imana yadusezeraniye. [Zaburi 3:5-6, 1Abitesalonike 2:13, 1Timoteyo 4:10, Abaheburayo 11:6, Ivyakozwen’Intumwa 16:31, Yohana 3:18, Yesaya 43:10]
IBINTU 7 MPWEMU YERA ATWIBUKIJE
- Mose yakuye amazi, aradudubiza mu gitandara [Kuvayo 17:6]
- Ingumba zaratwaye inda ziribaruka (Sarah na Elizabeti) [Kuvayo 17 na Luka 1:5-25]
- Esiteri yakijije kuhonywa kw’Ihanga ry’abayuda [Esiteri 3-9]
- Isugi Bikira Mariya yaribarutse umwana w’Imana [Luka 1:26-2:7]
- Imana yagabuye ingabo z’abayabine n’abanyakanani mu maboko y’Ihanga ry’Imana kandi vya ibigatanya. [Abacamanza 4]
- Imana yashikije isezerano ryo kugabura Abafilisitiya mu maboko ya Dawidi [2Samuel 5:19-20]
- Yobu umuntu w’Imana yari yaratakaje vyose mugabo Imana yabimushumbushije vyose uko bingana [Yobu]
INYIGISHO TUHAKURA
- Ubushobozi bgo gukora ibidashobokera abana b’abantu biva k’Uhoraho we nyene.
- Ibidashobokera abana b’abantu birashoboka kugira ngo Uhoraho Imana ahabwe icubahiro.
- Ibidashobokera abana b’abantu birashoboka bigashitswa ku neza y’abizera Uhoraho Imana.
*Nta ngwara, nta badayimoni, nta ntege nke, nta bgishime, nta shavu, nta nzigo, nta shari, nka kwipfuza, nta bunebge, nta karenganyo canke ikindi kibi cose kikwizingirako Yesu Kristo adashobora kugukiza.
* Imana igiye kunesha abansi bacu bose bo mu buryo bg’umubiri baboneka no mu buryo bg’impwemu, bataboneshwa amaso.
* Nkuko Mose, Esiteri, Sarah, Elizabeti, Mariya n’abandi bose batahuye yuko ata nakimwe kinanira Uhoraho Imana natwe niko tugiye kuvyibonera ni twizera. UMUNTU WESE AGIRE UKWIZERA.
IMITWARO YO GUSENGERA
- Tuzosengera igihugu cacu c’Uburundi kugira ngo ubugombe bg’Imana bgonyene abe aribgo bukibeko, Imana igishitseko ivyiza vyinshi yasezeraniye igihugu n’abanyagihugu.
- Tuzosengera Umurongozi mukuru Imana yashinze gutunganya ibikogwa vy’Ihanga Ryera ry’Imana ryose n’abarongozi b’ibicaniro, ibiri mu gihugu n’ibiri mu mahanga; n’abizera bose ngo babe mu kiganza ca Yesu Kristo kandi Imana ibongere Inkomezi.
- Tuzosengera abizera bariko baraburabuzwa n’inyigisho z’imico n’imigenzo y’amadini, abajuragizwa n’inyigisho z’ibinyoma zasutswe mu bantu n’abariko barajuragizwa n’abarongozi babi.
- Tuzosengera abana bato bariko baricwa bagize amasanganya yo gutwagwa n’inzuzi, guhitanywa n’imiduga n’inzindi ngwara zitandukanye z’ivyaduka.
- Tuzosengera ngo abatarakizwa bakizwe, ubutumwa bgiza bukwire imihingo yose y’igihugu Abarundi benshi babohoke bizere Umwami Yesu kristo
- Tuzosengera imitwaro twama turiko turasengera y’ingo n’imiryango, abagwaye, abapfunzwe, impunzi, impfuvyi n’abapfakazi, abashonje, abari mu mutekano muke n’imitwaro itandukanye iri mugihugu no mu bantu.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abane namwe mwese, Amen!