Urutonde rw'amasengesho y'Ihanga ry'Imana y'iy'indwi

URUTONDE RW’AMASENGESHO Y’INDWI YO KUVA KU 27/1- 4/2/2020

Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo, Mu gihugu cacu c’Uburundi ryitwa: ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RY’IMANA. Rifise ibicaniro birenga 50 mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi no mu bindi bihugu vya Afrika, Canada, Amerika, Australia, Ubulaya na Aziya. Ivyo bicaniro vy’Ihanga Ryera vyose nta kindi bikora atari ugusengera amasezerano Uhoraho Imana yahaye igihugu c’Uburundi, gusengera imitwaro itandukanye, kwigisha ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo no kuramura abanyengabire batandukanye. Ivyo vyose bikogwa kugira ngo Ishengero rya Yesu Kristo ritegure umugeni wa Yesu Kristo mu Burundi no mu mahanga. Iryo shengero rya Yesu Kristo ni n’Ihanga ry’Imana rikora ku mugaragaro ryemewe n’amategeko mu bihugu biteye imbere cane no mu bihugu biri mu nzira y’amajambere n’igihugu cacu c’Uburundi kirimwo. Umurundi wese afise ico Uhoraho Nyeningabo yamuhishuriye kw’Ihanga Ryera ry’Imana canke ugomba kurimenya, usaba ubufasha arahawe kaze. Mwese murahawe kaze kwifatanya n’Ihanga ry’Imana mu rugendo. Twandikire kuri ihangaryimana@gmail.com, whatsapp: +(257) 6140-4181 canke +(1) 914-448-3650.

URUFATIRO RW’AMASENGESHO

Mugire ukwizera gutuje gushimikiye ku kumenya ubushobozi bg’Imana: Naho ivyo mubona n’amaso, n’ivyo mwumvisha amatwi yanyu vyoba bidahumuriza kandi bikaba bigaca inkokora; mugire ukwizera kwuzuye kandi gutuje kuko Imana twizeye ni iyo kwizigira kandi igiye gushitsa ivyo yasezeranye. [1 Abikorinto 2:1-15 na 3:1-3]

IVYO MPWEMU YERA AHISHURA

1. Bidatevye Umwami Yesu Kristo araje kwihesha icubahiro mu gihugu no mw’ishengero kandi abantu bose bazomenya yuko mw’Ijuru hari Imana yumva, ivuga kandi igakora.

2. Harageze yuko umuntu wese yisengera akongera agasengera umuryango wiwe. Ni igihe co kwezwa, kwitunganya no kwizera. Abantu biyambure ivyaha, uburyarya no kwiyorobeka muvyo Imana kugira ngo bakire.

INYIGISHO

  • Umuntu yogira guye ukwizera gutuje mu gihe hari ibigeragezo vyinshi biza vyiyongera ku bukene, inzara, indwara, intabara mu ngo no mu miryango, umutekano muke n’ibindi bihanze abantu ngaha kw’isi?

*Birashoboka yuko ugira ukwizera gutuje no mubihe bigoye iyo:

  1. Ushize umutima n’ubgenge bgawe ku gushimira Imana kuvyo ishobora gukora, ukuyishimira kuvyo izogukorera n’ivyo imaze kugukorera muri kahise. [ Ingoma 16:34, 1 Abikorinto1:4]
  2. Wama usoma ijambo ry’Imana kandi unasenga. Mw’ijambo ry’Imana harimwo ivyo ukeneye kumenya vyose muvyo impwemu kandi iyo wama usenga bituma wongegwa inkomezi kandi ugahishurigwa amabanga. [1Yohana 5:14, Abayefeso 6:18, Matayo 6:5]
  3. Uhora umenya ivyiza bizanwa n’ukwizera gutuje nk’amahoro n’umunezero  bisesekara mu mutima wawe no mu bihe bigoye. [ Abayefeso 2:8-9, 1 Petero 1:8-9, 1 Timoteyo 6:11]

*Ukwizera kwacu nti guhagaze ku majambo meza y’abantu, ku bgenge bginshi bg’iy’isi canke ku bushobozi bgacu mugabo ukwizera kwacu guhagaze ku kumenya ubushobozi bg’Imana. [2 Samweli 22:33, Yobu 26:7-14, Zaburi 71:18na 147:4-4, Yeremiya 10:12-13, Matayo 22:29]

*Ukwizera kwacu guhagaze ku bushobozi bg’ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo. Ubgo bushobozi bg’umusaraba bgagaragariye mu gupfa, uguhambga no kuzuka kw’Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo. [Yahana 11:25-26, 1 Abitesaloniki 4:14, 1 Petero 1:3, Abaroma 6:5-6, Abaheburayo 13:20-21]

*Kugira ngo tugire ukwizera gutuje no mu bihe bigoye:

 – Tworonka ubgenge buva kuri Mpwemu Yera, ni ukubusaba.

– Twomenya ico turi muri Yesu Kristo: iyo watoranijwe ugahabga isezerano.

– Twihanye neza, dufise umutima utunganye kandi duciye bugufi.

*Ntihakagie muru mwebge umuntu abaho afise imitima ibiri kandi adatunganye mu nzira ziwe zose. [Yakobo 1:8] Abo nibo ubuhumane mw’ishengero n’ahera h’Imana mu kwifatanya n’abatizera, mu kwifatanya n’abapagani n’abakora ibizira ngo ni amasengesho mpuzamadini. [ 2 Abikorinto 6:14, Abayefeso 5:8-14, Yohana 3:19]

IMITWARO

– Dukurikije urutonde rw’amasengesho twahawe n’ijuru, umwanya ku mwanya tuzosenga ngo ubugombe bg’Imana bube ku gihugu cacu c’Uburundi.

– Tuzosengera umurongozi Imana yashize imbere mw’Ihanga ryayo, abo bakorana bose bari mu gihugu no kumpande zine z’isi, abakuru b’ibicaniro, abakozi b’Imana bose hamwe n’Ihanga Ryera ryose.

-Tuzosengera abari mu buzimire bg’amadini canke inyigisho z’uruvange kugira ngo ab’Imana ibihishurire, abanyavyaha bihane n’abagerereye kure y’Imana bagaruke ku gakiza kugira ngo bose binjire begere umusaraba kandi baramirize mu rugendo ruja mw’ijuru.

– Tuzosengera impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru, abapfunzwe, abahunze, abagendana ubumuga, abagwaye, abashonje, abatagira aho baba, abari mu mutekano muke, n’iyindi mitwaro itandukanye.

Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abahezagire mwese, amen!