Uburundi ntibuzohora ari iciro ry’umugani mu gusesa amaraso

Ibiziga vyanikiwe ku gahinga biboshwe, vyambaye ubusa vy’abantu bazwi i Nyamaboko muri Bujumbura Nini.
Abantu bashengereye imisore yagirizwa gutera igihugu yafashwe n’inyamiramabi, bukeye basanga bishwe bakubiswe bambaye ubusa kandi bakerewe.
Igitabo Dr Levi Rukundo yanditse kivuga yuko Abarundi bafashwe n’akamashu k’urwanko, ububeshi, irementanya n’ibitenga vy’amaraso. Bwarakomeretse bukeneye gukira.

Uburundi ntibuzokwama ari iciro ry’umugani aho uyu munsi umuntu afatwa n’ubutegetsi ari mu minwe y’inyamiramabi, bukeye bakamutora ikiziga aboshwe, yambuwe ubusa, yakubiswe kandi yakerewe. Ivyo bavyita gusesa amaraso. Hamwe boba ari inkozi z’ikibi zagomvye gushora igihugu cacu mu ntambara ubgo bgicanyi bgitwa ivyaha vyo mu ntambara abo baba bakoze ivyo vyaha bagahanwa.

Uburundi ntibuzokwama bufise izina ry’igikozasoni, ababgitirirwa nabo ari igitukisha. Bamwe bakora irementanya, abandi bakabara inkuru zitarizo bose bagatukisha igihugu c’Uburundi mugabo ivyarivyo vyose abana b’Uburundi baba bishwe rubi. Ko mwariko murazura amagufa yabishwe kera ngo mushire ahabona ukuri kwa kera, mwari mukwiriye kubikora muri intungane mutagera ikirenge mu babitangiye imbere. Nayo ahandi muba muriko murongera ikibi mu kindi.

Uburundi ntibuzokizwa n’amajambo mabi canke meza. Uburundi ntibuzokizwa no gusesa amaraso y’abana b’Uburundi. Aha tubgira abatera igihugu n’abakigwanira. Uburundi ntibuzokizwa n’inkinamico z’amatora canke igikenye. Uburundi buzokizwa n’abantu bahagararira ukuri, abantu bubaha kandi batinya Imana vy’ukuri atari abayiyitirira.

Harageze yuko aba-Kristo b’ukuri bavira hasi rimwe bagasenga Imana yo mw’ijuru bayinginga kandi bayisaba gushitsa Isezerano. Harageze yuko umuntu wese yoreka guhendwa n’uyu canke uriya ashorwa mu ntambara canke abgirwa ku zimanganya ubuzima bg’uwundi ku mvo izarizo zose.

Hararengeranye kuko harageze kera yuko abari ku butegetsi uwariwe wese yaba mukuru canke muto bamenya yuko batashiriweho kwica abantu ahubgo bashiriweho kubakingira. Ni mwigishe urukundo mureke kwigisha urwanko, ni mwereke abantu kwubaha Imana mureke kwigisha kuyigarariza. Imana itabare Uburundi n’abarundi.

Vyanditswe na Levi Rukundo.

2 commentaires sur “Uburundi ntibuzohora ari iciro ry’umugani mu gusesa amaraso

  1. Murakoze kutugezako ibikorwa muriko murakora kugira igihugu kive murizi ngorane catewe n’akarwi k’abantu katigera kifuza yuko abarundi bidegemvya.

    J’aime

Les commentaires sont fermés.