Inomero z’abakozi b’Imana mwokwitura aho mu herereye

ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RYIMANA: INOMERO MWOHAMAGARAKO MUKARONKA UBUFASHA.
Muri iyi minsi isi iriko iraca mu bihe bitoroshe, mu mihingo myinshi abantu ntibahura ngo babonane. Mu bihe nkibi, umuntu wese arakeneye uwo boyaga bagatera inkuru, uwo yohanuza, uwo yoganyira canke uwomusengera. Urashobora kuba ugomba kumenya ibiriko biraba mu gihugu cacu no kw’isi hirya no hino, urashobora kuba urondera umukozi w’Imana wosaba ubufasha ubu canke buriya kandi mw’ibanga ntangere. Canke umwizigirwa wo wokwaturira mu gutuganya imigenderanire yawe n’Imana kuko atawuzi igihe na kanatsinda Uhoraho Imana yadusavye gusemerera ngo abantu bihane, bitunganye, basabane imbabazi kandi bezwe kuko hari ico igira yikorere. Ngizo inomero z’abakozi b’ihanga Ryera ry’Imana mwokwiturako, mbere n’imitwaro yanyu bakayishikana ku bicaniro igasengerwa ijoro n’umurango. Ni abizigirwa.Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abane namwe mwese aho muri, umwe wese ku giti ciwe! Amen!