Amakuru avugwa kw’isi.

NTI MURANDUKE IMITIMA MWIZERE YESU WE NYENE

Mu ncamake

-Ikiza ca teye citwa NOVEL CORONA VIRUS yo mu mwaka wa 2019 cakwiriye isi yose kimaze gufata abantu barenga umuliyoni n’ibihumbi amajana abiri. Kikaba kimaze guhitana abarenga 65,000 kw’isi.

-Ico kiza CORONA cari carahanuwe n’abahanuzi bakorera Imana na ba kamenyi batandukanye.

-Turi buze kubabgira ibintu bitari bike vyereka yuko satani ariko arakoresha ico kiza kugira ngo ayovye aba-Kristo batari bake n’abari mu kutamenya benshi.

Uko vyifashe

  • Nkuko twari duhejeje kubibabgira, ikiza KORONAVIRIS catanguriye mu gihugu c’Ubushinwa hanyuma mu mezi 2 gusa kikaba cakwiriye isi yose kimaze gushika ku mpande zine z’isi. Abarenga umuliyoni 1 n’ibihumbi amajana 2 nibo bamaze gufatwa. Kikaba kimaze kwica barenga 69. 000 kw’isi yose nkuko bimenyeshwa na Kaminuza yitwa Johns Hopkins.

Ibiharuro biguma bisohoka biva kw’isi yose birerekana yuko mundwi ziri imbere hashobora kuzoba impfu nyinshi ku buryo buteye ubgoba abantu, kandi yuko inyuma yaho, kubera ingingo ibihugu vyinshi n’amaleta yafashe no kubera yuko umubumbe w’isi uzoba ushitse mu bihe vyo gushuha, ico kiza kigashobora kugabanuka amakari mbere no kuzimangana kikarangira.

Ico Kiza COV-19 cari carahanuwe n’abizera Imana mbere n’abatizera biga ibimenyetso vy’ibihe, bose bakavuga yuko muri iyi myaka hazovuka ingwara y’amahaha izokwira isi yose igahitana abantu. Aha twovuga:

  1. Icegeranyo c’ishirahamwe ry’igendereza rya leta ya Amerika ryitwa CIA ryanditse igitabo ryise “UKO ISI IZOBA IMEZE EJO” kurupapuro rwa 250 rigira riti: “Hazibonekeza ingwara y’amahaha itagira umuti iterwa n’umugera uturuka mu bikoko. Iyo ngwara izorandagata ikwire isi yose.” Ico gitabo kirabandanya kiti: “Iyo ngwara imeze nka Koronavirus izoturuka mu bihugu bituwemwo n’abantu benshi babana n’ibitungano vyabo nko mu duce tw’ibihugu nk’UBUSHINWA n’utundi duce twa AZIYA y’ubuseruko. Iyo ngwara yandukira kandi itagira urukingo izoshegesha isi yose kandi izogira ingaruka nyinshi mbi.”
  • Umukenyezi SYLVIYA CELESTE BROWNIE yavutse kw’igenekerezo ry’9 ukwezi kwa 10 mu mwaka 1936 mu gisagara ca KANSAS, Missouri muri Amerika. Uwo mukinyi w’amareresi akaba n’umupfumukazi yanditse mu gitabo ciwe yise “UMUHERO W’ISI” yagize ati:” mumyaka y’2020, hazokwaduka ingwara y’amahaha itagira umuti n’urukingo maze ikwire isi yose kandi imiti yose isendwe abaganga babure ico bakora kugira ngo bakize abagwayi.” Yongerako ati: “uko iyo ngwara izotera ni nako izokamangana izimangane kwisi naho izosubira kugaruka mu bindi bihe.”
  • Umunyabgenge yitwa NOSTRADAMUS yarazi gusoma ibihe akoresheje inyenyeri yanditse mu mwaka wa 1551 yuko kw’isi hazoba umwaka w’ibiharuro bisa (2020) uzobonekamwo umwamikazi yitwa Corona azoza avuye mu buseruko bg’igihugu c’UBUSHINWA maze akwiragize ikiza c’umugera w’ingwara kandi yonone igihugu c’UBUTALIYANO.
  • Umwanditsi w’ibitabo yitwa Dean Koontz yanditse mu mwaka 1981 mu gitabo yise “IJISHO RY’UMWIJIMA” yanditse abara inkuri z’ikigo c’ubushakashatsi bg’igisirikare c’Ubushinwa, avuga yuko cakoze umugera wabatijwe Wuhan-400 hanyu uwo mugera ugaca utazirwa “IKIGWANISHO NYAKURI”. Yavyandika yumva bidudubiza mu mutwe wiwe avuga ibishobora gushika.

Mu bavugabutumwa n’abahanuzi b’abaKristo, benshi bareretswe ibizoba mu minsi ya vuba bagaca bavuga yuko ari ibimenyetso vy’umuhero w’isi mugabo ntibavuge ivyarivyo n’igihe bizobera. Ariko hariho abagerageje kuvuga ivyerekeye uwo mugera Coronavirus:

  • Umuvugabutumwa rurangiranwa yitwa TERITOPE BALONGUN YOSHUWA wo mu gihugu ca NIGERIYA muri AFRIKA azwi cane ku ngabire ihambaye afise yo kwerekwa (yavutse kuwa 12, z’ukwa gatandatu 1963). Ariko arigisha ishengero ryiwe i Lagos mu ntango z’uyu mwaka TB Joshuwa yasohoye ubuhanuzi Cumi na bumwe (11) bgerekeye isi bgo muri uwu mwaka. Ni muri ubgo buhanuzi benshi babonamwo ko yoba yaravuze iki kiza ca CORONA aho yavuga ati uyu mwaka wa 2020, Uhoraho Imana izocisha bugufi abigira abanyabgenge n’abahambaye; umuti usanzwe uzotuma abantu benshi bapfa abandi biyahure; ingwara abategetsi benshi bivuza mw’ibanga zizoja ahabona kandi bamwe zizobahitana. Yongeyeko yuko n’ubutunzi buzosenyuka abantu bose basubire gushigikira uburimyi gusa.

Aho iki kiza giserukiye, havuzwe vyinshi kandi hibonekeje vyinshi vyerekana yuko abadayimoni bageraheje amayeri yo kuburagiza, kubesha no kujuragiza abantu benshi. Ikibabaje n’uko n’abakristo badahagaze neza mu gakiza nabo bazangazanga.

  • Hariho inkuru zakwiragijwe ngo ni muzingururire Bibiliya zanyu murasangamwo umushatsi muheze mu wuvange n’amazi mu wunywe. Ngo ni umuti Imana yabarungikiye. Abantu bibagiye yuko imishatsi ivunguka uyisanga mu bitabo abantu bakoresha.
  • Hariho Umutanzaniya yi yise Eliya wa kabiri yateranije ibitigiri indome zose zigize ijambo CORONA zihagarariye, yatoye igiharuro 666 aca abgira abantu ngo niwe Imana yatumye bamukurikire.
  • Harakwiragijwe kandi amasanamu y’ibicu vyerekana ibisa n’amashusho y’abantu bakavuga ngo ni abamarayika abandi bakavuga ngo ni aya Yesus Kristo azanye n’abamarayika. Hariho n’amareresi meshi abgira abantu yuko ari umuhero washitse. Batekewe n’ubgoba kubera bumva yuko amasengero n’imisigiti vyugawe.
  • Haguma hakwiragizwa amajwi abantu bifata bamwe bakavuga yuko Imana yababariye yuko ariyo yarungitse icago ca CORONA abandi bakavuga yuko ari Satani yavyuye ingunza ngo agomba kwiha inkumbi n’ibindi vyinshi birandura imitima y’abantu bikabaca inkokora.
  • Aho mu gihugu c’Ubutaliyano bavugiye yuko bashinguye abahitanywe n’ikiza ca CORONA mu gace kitwa TOFETI, harimwo abaganga 61 n’abavuzi babafasha, abapatiri 50, n’abandi benshi; Hariho abavuga yuko ubuhanuzi bgo muri YEREMIYA 7:32 busa n’ubushikijwe.

Havuga hati : “None rer’umve, umunsi ugira uze, ni jewe Uhoraho ndabivuze, ntihazoba hacitwa TOFETI, canke ngo hitwe umwonga wa mwene Hinomu, ariko hazokwitwa umwonga w’imihindigiti, kuko bazohamba I TOFETI gushitsa naho bazoba batagishigaje n’akanya kaho bahamba” Tubibutse yuko TOFETI ari mubg’Isirayeli hari muri GIHENOMU akaba ari naho abanyakanani batangira ibimazi vy’amaraso y’abana bakabaturira babona mu guherereza imana zabo zitwa Bayali na Moloshi.

Mu Gusozera

COVID-19, yaba yavuye ku kwihenda kw’ubgenge bg’umutu canke ku bugizi bga nabi bgo gushaka kumara abantu, umwansi satani aca ayikoresha mu kugirira nabi abantu mu mubiri no mu mitima. Uko biri kwose isi yose irabonye yuko Uhoraho Imana ari hejuru ya vyose kandi yuko umwana w’umuntu uwariwe wese ari munsi y’izuba ari ubusa gusa. Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana, nkuko ryamye kuva kera risemerera, abantu ntibaranduke imitima ariko nyabuna ni bezwe, batunganye ingeso zabo maze nbasenge kugira ngo bibonere ugutabagwa n’Imana yo mw’ijuru.  Yesu Kristo ari ku ngoma, Amen!